Mushiki wa Kim Jong-un yashitse muri Korea y'epfo

Kim Yo-jong and Kim Yong-nam Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kim Yong-nam (i buryo) ni we arongoye intumwa za Korea ya ruguru

Kim Yo-jong, mushiki w'umukuru wa Korea ya ruguru Kim Jong-un, yashitse muri Korea y'epfo.

Ni we muntu wa mbere wo mu muryango uri ku butegetsi agize urwo rugendo kuva habaye intambara hagati y'ivyo bihugu bibiri 1950-1953.

We hamwe na Kim Yong-nam, ajejwe ibirori muri Korea ya ruguru, bariko barakurikirana ibirori vyo kwugurura inkino za olempike zo mu gihe c'imbeho i Pyeongchang.

Umupfasoni Kim, bivugwa ko yegereye cane musazawe, yadugijwe cane muri politike y'igihugu ca Korea ya ruguru mu mwaka uheze.

Korea ya ruguru yuguruye kandi umuhora bavuganirako na Korea y'epfo.

Ari ku rutonde rw'abafatiwe ibihano na Amerika yagirizwa kugira uruhara mw'isinzikazwa ry'agateka ka zina muntu muri Korea ya ruguru.

Kim Yong-nam yahanye ukuboko na prezida wa Korea y'epfo Moon Jae-in igihe yariko arafungurira abategetsi bo kw'isi yose.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umunya Korea ya ruguru (i bubamfu) hamwe na prezida wa Korea y'epfo President Moon Jae-in bariko bararamukanya

Muri ivyo birori kandi hari hari icegera ca prezida wa Amerika Mike Pence hamwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe.

Vyari bitegekanijwe ko yicara ku meza imwe na Kim Yong-nam hamwe na Moon ariko yagiye hataragera ko bashira ingya ku meza, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Abarusiya bariko bagwana ngo baje mu nkino za Olympique za Korea Yepfo

Muri izo nkino za olempike zo mu mbeho, Korea y'epfo n'iya ruguru zizogira ikarashishi zitwaje ibendera imwe igihe haza kuba hariko harugururwa ivyo birori.

Uretse abanonotsi 22 Korea ya ruguru yarungitse, yararungitse kandi intumwa 400 muri izo nkino, harimwo umugwi w'abaririmvyi.