Uganda ngo yoba yarabeshe ku biharuro vy'impunzi yakiriye

Impunzi zahungiye muri Uganda Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu mwaka uheze vyaravuzwe ko Uganda ariyo yakira impunzi nshasha nyinshi kurusha ahandi kw'isi

Abakozi bane bo muri leta ya Uganda bahagaritswe mu kazi kubera ivyagiriji vy'uko boba barongereje ibitigiri vy'impunzi zahungiye muri ico gihugu.

Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Guardian, umukuru w'urwego rujejwe impunzi muri Uganda, Apollo Kazungu, hamwe n'abandi bayobozi batatu bariko baragirwako amatohoza.

Bagirizwa kuba barakoranye muri ico gikorwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'ishirahamwe rijejwe ibifungurwa kw'isi, PAM.

Ikinyamakuru Ugandan Daily Monitor, catanguye gutangaza ivyo vyagiriji, kivuga ko ico kibazo catanguye kuvugwa n'uwuserukiye ONU muri Uganda, Rosa Malango.

Ico kinyamakuru kivuga ko uwo mudamu yerekanye impungenge ku bintu butatu, harimwo igitigiri kitumvikana c'impunzi, urudandazwa rw'abagore n'abana hamwe n'ibikorwa vy'amagendo.

Amahera yagiye hehe?

Mu bugenduzi bumwe babonye abantu 7.000 gusa mu gihe hari handitswe 26.000 bakeneye imfashanyo, havyuka ikibazo co kumenya aho amahera y'imfashanyo y'impunzi 19,000 yoba yaragiye.

Uganda bivugwa ko icumbikiye impunzi imiriyoni imwe n'ibihumbu amajana ane, zahunze intambara muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo hamwe na Sudani y'epfo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uganda iregwa kwandika impunzi nyishi kurusha izinjira

Mu mwaka uheze vyaravuzwe ko ico gihugu ari co gifise impunzi nshasha nyinshi kurusha ahandi hose kw'isi, ariko ibi vyagiriji biraza gutuma hibazwa vyinshi kuri ico gitigiri.

Guardian ivuga ko kubera ivyo vyagiriji nyene, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ishirahamwe rya Buraya hamwe n'Ubwongereza, vyose biriko biragabisha ko bigiye guhagarika imfashanyo ziha ico gihugu.

Umushikiranganji wa Uganda ajejwe ibiza, Musa Ecweru, yijeje Guardian ko ivyemezo bizofatwa kugira ntihazosubire kuba ibikorwa vya magendo, avuga ko hashobora gukoreshwa ubuhinga bwa none mu kwandika impunzi zose zinjira mu gihugu.