Kim Jong-un yatumiye mugenziwe wa Korea Yepfo Moon Jae-in

Kim Jong-un agendera abasirikare ari kumwe na mushikiwe Kim Yo-jong mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu KCNA
Image caption Kim Jong-un agendera abasirikare ari kumwe na mushikiwe Kim Yo-jong mu 2015

Kim Jong-un yatumiye mugenziwe wa Korea Yepfo Moon Jae-in gutemberera Pyongyang, umubonano uzoba ubaye uwa mbere mu kiringo kirenga imyaka cumi.

Bwana Moon yavuze ko ibihugu vyose vya Korea bikwiye gukora ukwo bishoboye ngo bikunde, anasaba iya Ruguru gusubira mu biganiro na Amerika.

Ubwo butumire bwandikishijwe iminwe bwatanzwe na mushikiwe, Kim Yo-jong mu nama, imbere yuko inkino za Olympique z'igihe c'imbeho nyinshi zitangura.

Madamu Kim n'umukuru w'igihugu wa Korea ya Ruguru, Kim Yong-nam nibo batumye umugwi w'abakozi bo hejuru ba Korea ya Ruguru batemberera iyepfo, kuva igihe c'ingwano ya Korea mu myaka y'iza 1950.

Abategetsi ba Korea zose barasangiye ishu n'inzoga ikogwa mu muceri, baganira ku kiringo c'amasaha atatu.

Madamu Kim yatumiye Bwana Moon gutemberera bidatevye iya Ruguru, niko umuvugizi wo ku kirimba c'umukuru w'igihugu muri Korea Yepfo yavuze.

Ku bw'uwurongoye ikinyamakuru Washington Post i Tokyo, Madamu Kim yasize ikete aho ku kirimba avuga ko yizeye ko "Pyongyang na Seoul zizosubira gucudika ku neza y'abanya Korea", ibihugu bikaja hamwe, bikiteza imbere muri kazoza ka vuba".

Iyo nama yabaye mu gihe Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaheruka kugabisha ubutegetsi bwa Seoul gufatana ingingo na Pyongyang.

Korea ya ruguru yuguruye kandi umuhora bavuganirako na Korea y'epfo.