Zimbabwe yipfuza kwubaka icibutso ca Bob Marley

Bob Marley yaririmvye ururirimbo "Zimbabwe" igihe c'ukwikukira kw'ico gihugu mu 1980 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bob Marley yaririmvye ururirimbo "Zimbabwe" igihe c'ukwikukira kw'ico gihugu mu 1980

Ubutegetsi bwa Zimbabwe bwasavye umuhinga mu vy'ugushushanya kwubaka igishusho ca Bob Marley ku kibuga c'umupira ca Rufaro i Harare, aho Marley yavugirije mu 1980, igihe ico gihugu cikukira.

Ivyo bitangajwe haheze iminsi itatu habaye isabukuru rya Bob Marley kw'itariki 6 Ukwezi kwa kabiri - iyo sabukuru ikaba yahimbarijwe mu gihugu c'amavuko ca Jamaica.

Martin Chemhere yaraganiriye n'abasigwa ba Marley kuri uwo mugambi wo kwubaka igishusho ciwe, bigasa naho yoba yavyemerewe.

Ariko hari ibisabwa imbere yuko cubakwa: ico gishusho kizokwubakigwa abanyagihugu kandi kibanze kwemegwa n'umuryango wa Marley.

Igihugu ca Zimbabwe, canke umuntu ku giti ciwe, nibo bazotanga amahera y'ico gikorwa.

"Nibaza ko naruhiye gutsinda kuri uno mugambi ugiye gukoregwa igihugu cacu ciza," niko Bwana Chemhere yavuze nkuko ikinyamakuru Telesur cabishikirije.

"Kubona vyemewe ni intambwe nini kuri Zimbabwe...kuko ico gishusho kizokwega abakerarugendo."

Marley azwi neza mu gihugu ca Zimbabwe, mu kuba yanditse indirimbo ashigikira ukwikukira kw'ico gihugu.

Igihe yayiririmba mu 1980, niwe yirihiye amahera y'urugendo, aranka kwakira amahera yo kuvuza.