Tanzaniya igiye kuva mu mugambi wa Onu wo gufasha impunzi

Bamwe mu barundi bahunze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bamwe mu barundi bahunze

Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwavuze ko bugiye kuva mu mugambi wa Onu ufasha impunzi gutangura ubuzima bushasha mu bihugu vyabakiriye.

Kuva kera impunzi zamye zifata Tanzaniya nk'ijuru rya kabiri mu gihe ico gihugu gicumbikiye muri kino gihe impunzi 350000, zahunze indyane mu Burundi no muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo.

Prezida John Magufuli yavuze ko imvo z'umutekano n'iz'uburyo buke, arizo zigiye gutuma igihugu ca Tanzaniya kiva muri uwo mugambi.

Mu mwaka uheze Tanzaniya yarahagaritse vy'agateganyo kwakira impunzi, isaba abarundi gusubira mu gihugu c'amavuko, ingingo yaneguwe n'amashirahamwe aharanira amateka.

Igisata ca Onu kijejwe impunzi cavuze ko cimirije kurungika intumwa zo ku rwego rwo hejuru kuvugana na leta ya Tanzania.