Umwe mu bagenzi ba hafi ba Zuma yafashwe n'igipolisi

Abapolisi ba Afrika y'epfo imbere y'inzu y'umuryango Gupta Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imwe mu nzu zasatswe n'igipolisi ni iy'umuryango ukomeye, Gupta, ufitaniye ubugenzi bwa hafi na Prezida Zuma

Igipolisi muri Afrika y'epfo cafashe abantu batatu mu bikorwa vyo gusaka vyabereye no ku nzu imwe y'umuryango ukomeye cane ufitaniye ubugenzi n'umukuru w'igihugu Jacob Zuma.

Ico gipolisi cavuze ko abandi bantu babiri vyari vyitezwe ko bishikana bonyene ku biro vy'abapolisi.

Isakwa ry'ayo mazu rifitaniye isano n'inyuruzwa ry'amamiriyoni y'amadolari ya leta, yagomba gukoreshwa mu mugambi wo gufasha abarimyi b'abakene.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bibaye mu gihe harindiriwe ko Zuma, yagirizwa igiturire, atanga imihoho nk'uko yabisabwe n'umugwi wiwe ANC

Amwe muri ayo mafaranga bivugwa ko yakoreshejwe mu bukwe bw'agakura bw'umuryango Gupta, ufitaniye ubugenzi bwa hafi n'umukuru w'igihugu.

Ibi bishitse mu gihe igihugu kirindiriye kwumva nimba bwana Zuma, ahakana ivyagiriji vya ruswa, aza gutanga imihoho nk'uko abisabwa n'umugamwe wiwe, ANC.

Soma kandi: