Tsvangirai, uwararongoye MDC yo muri Zimbabwe yatabarutse

Morgan Tsvangirai yagwanije ubutegetsi kuva igihugu cikukira Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Morgan Tsvangirai yagwanije ubutegetsi kuva igihugu cikukira

Umunyapolitike agwanya ubutegetsi bwa Zimbabwe kuva igihugu cikukiye, Morgan Tsvangirai, yaryamiye ukuboko kw'abagabo muri Afrika Yepfo, ahitanywe na kanseri.

Bwana Tsvangirai, yarafise imyaka 65, yigeze kuba umushikiranganji wa mbere, bivugwa ko yaragwaye ingwara ya "cancer" ifatira mu nsogi.

"Yitavye Imana kuri uno mugoroba. Umuryango wiwe niwo wabimenyesheje," niko icegera c'umukuru w'umugambwe MDC, Elias Mudzuri yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Image caption Ubuzima bwa Morgan Tsvangirai

Umwanya munini w'ubuzima bwa Bwana Tsvangirai, yawumaze ari mu ngwano ya politike n'uwahora arongora Zimbabwe Robert Mugabe.

Yarakubiswe yongera apfungwa incuro nyinshi.