Cyril Ramaphosa ni nde?

Cyril Ramaphosa (i bubamfu) niwe yasubiriye Jacob Zuma (i buryo) nka Prezida Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Cyril Ramaphosa (i bubamfu) niwe yasubiriye Jacob Zuma (i buryo) nka Prezida

Umukuru w'umugambwe ANC, yahora ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Afrika Yepfo, Cyril Ramaphosa yagize urugendo rurerure muri politike imbere yuko ashikira ikibanza c'umukuru w'igihugu.

Cyril Ramaphosa ni umugabo akunda imiduga yiruka cane hamwe n'imivinyu izimvye, agakunda kuroba no guhiga.

Yaramaze igihe ari icegera c'umukuru w'igihugu wa Afrika Yepfo.

Cyril Ramaphosa ari mu banyepolitike batunze cane, bikavugwa ko yoba afise imiliyoni $450.

Niwe arongoye muri kino gihe umugambwe "African National Congress" (ANC), akaba ariwe ari mu kibanza ciza co kuba umukuru w'igihugu inyuma y'amatora yo mu 2019.

Igihe yarongora ishirahamwe ry'abadandaji, niwe yaboneka mu batunzi b'abirabure muri Afrika Yepfo inyuma yaho ANC igiriye ku butegetsi intwaro y'inkehwa z'abazungu ivuyeho mu 1994.

Ariko ntiyashira imbere ivy'ubudandaji, yakunda ubwa mbere politike akama yipfuza kuba icegera ca Nelson Mandela, umukuru w'igihugu wa mbere w'umwirabure wa Afrika Yepfo.

Igihe Bwana Mandela amwibagiriye, yarababaye cane ntiyaja no mu birori vyo kumwimika, yanka no guhabwa ikibanza muri Leta.

Ka munyamategeko, Bwana Ramaphosa yaciye aba umushingamateka, yongera arongora umugwi ujejwe ibwirizwa shingiro, afasha mu gutegura ibwirizwa shingiro rishasha ry'inyuma y'intwaro ya "apartheid", ibwirizwa riri mu ya mbere kw'isi riharanira ukwishira no kwizana.

Yarazwi cane ku rwego mpuzamakungu, mu gihe yigeze kuba ariwe aserukira Bwana Mandela mu biganiro vyatumye "apartheid" irangira mu 1994.

Inyuma yaho aboneye ko atagiye mu banyepolitike bakomeye kandi benshi muri Afrika Yepfo ariko babibona ku bagendanye na Mandela, bwana Ramaphosa yaciye ava muri politike, yihebera ubudandaji.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption ANC iri ku butegetsi kuva igihe intwaro karyanisha miryango irangiriye mu 1994

Ico gihe ntivyari bimenyerewe kubona umwirabure aduga mu gisata cifatiwe n'abazungu, na cane cane ku muntu yatwaye ishirahamwe ry'abadandaji, agakoresha n'imyiyerekano mu myaka y'iza 1980 ku bucukuzi bw'amabuye y'agaciro muri Afrika Yepfo, kugira ngo avuguruze ubutegetsi bushingiye kuri apartheid.

Mu kugerageza kumushumbusha, bwana Ramaphosa yarasaturiwe nko mu duce twose - kuva mu vy'itumanako ukaja mu vy'itangazamakuru, ukagaruka ku binyobwa, ku bucukuzi bw'amabuye y'agaciro no ku ndya zinyarutswa guteka (fast food).

(Niwe aserukira ikigo c'imfungugwa gifise amashami menshi, McDonalds co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika).

Igikoresho c'abanyamahanga

Bwana Ramaphosa yagumije ikirenge muri ANC, arongora umugwi nyobozi, "National Executive Committee" - ikibanza abamutyoza bavuga ko gituma aronka amakuru mu bashikiranganji ba leta, mu gihe we aguma akomeza urudandazwa rwiwe.

Ivyo vyavuzwe cane igihe igipolisi cishe abakozi 34 mu kwezi kw'umunani mu 2012 ku bucukuriro bw'amabuye y'agaciro bwa Marikana - buba bubaye ubwicanyi bwa mbere butwaye abantu benshi bukozwe n'igipolisi kuva intwaro karyanisha miryango igiye.

Ico gihe Bwana Ramaphosa, ka muyobozi w'ishirahamwe Lonmin - ikigo mpuzamakungu kigaba ubwo bucukuriro bwa Marikana- yaragirijwe guhemukira abakozi inyuma yaho bimenyekaniye ko ariwe yabahamagariye ababica.

Ico gihe umucamanza yakoze amatohoza yaramwejeje amukurako ubwo bwicanyi, ariko uwurongoye umugwi "Economic Freedom Fighters" (EFF), Julius Malema, afata bwana Ramaphosa nk'igikoresho c'abagwizatunga b'abazungu n'ic'abanyamahanga.

"Ubucukuriro bwose burimwo umunyapolitike. Abazungu babaha amahera ku kwezi, bafata nk'imitahe yabo. Mu bisanzwe ni amahera yo gukingira abazungu ku bakozi babo," niko avuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imiryango y'abakozi biciwe i Marikana baracasaba kwuzurizwa

Nkuko ikigo gikurikirana ivy'ubutunzi kw'isi Forbes kivuga, Bwana Ramaphosa yarahevye ivy'ubudandaji, inyuma yaho agenewe kuba icegera c'umukuru w'igihugu mu 2014, mu gihe atari gufatanya iyo mirimo ukwo ari ibiri nkuko amategeko abisaba.

Ikirangaminsi ca Cyril Ramaphosa

Yavukiye i Soweto muri Johannesburg mu 1952.

Yapfunzwe kuva mu 1974 gushika mu 1976 ahorwa kurwanya intwaro karyanisha miryango.

Yatanguje ishirahamwe ry'abacukuzi b'amabuye y'agaciro "National Union of Mineworkers" mu 1982.

Yararongoye umugwi ujejwe ibirori, igihe Nelson Mandela arekuwe avuye mw'ibohero mu 1990.

Mu 1994 yabaye umushingamateka, arongora umugwi ujejwe gutegura ibwirizwa shingiro.

Yinjiye mu rudandazwa mu 1997, aba mu bagwizatunga batunze cane muri Afrika Yepfo.

Yari mu mugwi ngenzurabikogwa mw'ishirahamwe Lonmin, igihe c'ubwicanyi bw'i Marikana mu 2012.

Yagenywe icegera c'umukuru w'igihugu wa Afrika Yepfo mu 2014.

Yagenywe kurongora ANC mu 2017.

Cyril Ramaphosa ntiyigeze agira amahirwe uravye abakuru b'ibihugu bikurikiranije inyuma ya "apartheid".

Igihe Nelson Mandela agiye kuva ku butegetsi, yahisemwo Thabo Mbeki ngo abe ariwe amusubirira.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nelson Mandela (i buryo) yatoye Thabo Mbeki (i bubamfu) ngo amusubirire mu mabanga, yihoza Bwana Ramaphosa

Niko vyagenze no ku gihe ca Prezida Jacob Zuma.

Bwana Zuma ntiyaravye ijunja ryiwe, ashira imbere uwigeze kuba umugore wiwe Nkosazana Dlamini-Zuma, yaraje ava kurongora umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, Bwana Ramaphosa asigara arwanira uburongozi bwa ANC.

Bwana Ramaphosa yaciye ahinduka umwansi wa Zuma, aguma ahiga ingene yogenda, avuga ko azogwanya ibiturire, ingeso yari yamaze kubona muri shebuja.

Amera nk'uwuri mu myiyamamazo, Bwana Ramaphosa yagize ati:

"Igihe co guhindura ibintu catugezemwo kandi ntitworeka ngo kitujane".

"Dutegerezwa kugifata, tukanywanisha abenegihugu ku ntego imwe. Intego yuko Afrika Yepfo kiba igihugu gikomeye. Intego yo kugira ngo Afrika Yepfo kibe igihugu kitavugwamwo ibiturire...tukikura ibisambo, abarya ibiturire mu mirongo yacu", niko yabandanije avuga.