Abigisha batatu bishwe na "Al Shabab" mu buraruko bwa Kenya

Abagwanyi ba Al Shabab bamaze igihe kirekire bagaba ibitero mu buraruko bw'igihugu ca Kenya, ku mupaka wa Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abagwanyi ba Al Shabab bamaze igihe kirekire bagaba ibitero mu buraruko bw'igihugu ca Kenya, ku mupaka wa Somalia

Abigisha batatu bishwe, uwa kane arakomereka mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya inyuma y'igitero ubutegetsi bwemeza ko cagabwe n'umugwi Al Shabab.

Abantu bafise ibigwanisho binjiye mw'ishuli riri mu ntara ya Wajir inyuma ya sasita z'ijoro, mu barashwe hakabamwo umugabo hamwe n'umugore wiwe.

Mu ndwi ziheze uwo mugwi w'intagondwa waragavye ibitero muri ako karere, urondera gutera ikambi y'igipolisi.

Ubutegetsi bwa Kenya bumaze igihe burondera abigisha bwoha akazi muri ako karere kari ku rubibe rwa Somalia, kuva mu 2015 igihe Al Shabab igabiye igitero ku shuli kaminuza rya Garisa, abanyeshuli bagera kwi 150 bakicwa.