Burundi: Abiyandikishiriza amatora bacerejwe n'indangamuntu

Abo mu butegetsi baha abanyagihugu karangamuntu
Image caption Abo mu butegetsi baha abanyagihugu karangamuntu

Mu gihe hasigaye umusi umwe ikiringo co kwiyandikishiriza amatora n'ibwirizwa nshingiro kirangire, bamwe mu banyagihugu ntibararonka indangamuntu , bagasaba kwongegwa ikiringo

Mu mazone amwamwe y'igisagara ca Bujumbura, haracibonekeza abantu batari bake batararonka indangamuntu.

Hari abamaze indwi batonda kuri ivyo biro ariko bitarakunda ko baronka indangamuntu gurtyo ngo bashobore kwiyandikisha.

Basaba ko ikiringo co kwiyandikisha cokwongerezwa.

Ariko umugwi ujejwe amatora CENI watangaje ko ejo ku wagatandatu ari umusi ntarengwa wo kwiyandikisha.

Ku biro vya zone ya Nyakabiga kuri uno wa gatanu, hari abantu benshi bagizwe n'urwaruka, abagabo n'abakenyezi.

Image caption Abarindiriye indangamuntu zotuma biyandikishiriza amatora

Bavuga ko bamaze imisi batonda ngaho ariko ko ata kivamwo.

"Kuva ku musi wa kabiri sindahonyoza ikirenge mw'ishure. Nagumye ntonda ngaha nizeye ko ndonka karangamuntu ariko vyabuze », nikwo umwigeme w'umunyeshure twasanze kuri zone Nyakabiga avuga.

Hari n'abatanze ibisabwa ku musi wa mbere kugira baronke indangamuntu ariko amazina yabo ataboneka na hamwe.

"Narindiriye yuko bansoma ndabura. Nibaza ko hari ivyoba vyaratakaye kuko sinumva ingene kuva ku mus iwa mbere nokwibura izina », nikwo uwundi musore yabwiye BBC.

Ikibazo cibonekeza kandi kuri zone Bwiza muro komine ya Mukaza aho usanga abantu isinzi batonze batarakirwa.

Kuri ayo amazone bamenyesha ko ingorane yatewe nuko ibitigiri vy'abasaba indangamuntu ari binini cane.

Ivyo biri ukwo mu gihe hasigaye umusi umwe gusa kugira ikiringo co kwandika abipfuza kuja mu matora y'ibwirizwa nshingiro kirangire.

Abo banyagihugu basaba ko cokwongerezwa.

Umugwi ujejwe amatora CENI wabakuriye inkoni ku gishitsi.

Pierre Claver Ndayicariye awurongoye, amenyesha ko ikiringo co kwiyandikisha kidashobora kwongerezwa namba.

Asigura ko ibitigiri vy'abamaze kwiyandikisha mu gihugu cose bishimishije, akavuga ko ibice birenga 90 kw'ijana vy'abari bitezwe kugera ejo ku musi wa kane bari bamaze kwiyandikisha.

Abo nabo bagera ku 4 105 481.

Kuri abo hiyongerako abandi bababa ibihumbi 3500, biyandikishirije mu buserukizi butandukanye bw'u Burundi.

Amatora y'ibwirizwa nshingiro ategekanijwe mu kwezi kwa 5.