Igitero co mw'isoko cahitanye 17 muri Nigeria

Umugwanyi wa Boko Haram Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umugwanyi wa Boko Haram

Abiyahuzi bagavye igitero mw'isoko y'ifi mu buraruko bwa Nigeria, bishe niburiburi abantu 17.

Amakuru aturuka mu bajejwe umutekano, avuga ko abantu babiri aribo bakoze ico gitero co ku munsi wa gatanu ku mugoroba mu gisagara ca Konduga, ku birometero 25 mu bumanuko bwa Maiduguri.

Abantu barenga 50 ngo bakomerekeye mw'ico gitero.

Abagwanyi b'umugwi Boko Haram nibo biketswe kugaba ico gitero, ariko gushika ubu uwo mugwi nturacemanga.

Uwo mugwi w'aba Jihadistes umaze igihe kirekire ugaba ibitero mu karere ka Maiduguri.