Umunyeshuli yishwe arashwe muri Tanzaniya

Umuhisi Akwilina Akwilini Uwufise ububasha kw’isanamu PAUL WILLIAM SABUNI
Image caption Umuhisi Akwilina Akwilini

Amakimbirane hagati y'igipolisi n'abayoboke b'umugambwe Chadema muri Tanzaniya yatumye umunyeshuli w'umwigeme apfa.

Uwo mwigeme yiga kw'ishuli ryo kwunguruza abantu "National Institute of Transport" (NIT), izina ryiwe n'ifoto vyaciye bikwiragizwa ku mbuga hwaniro, yarashwe ari muri bisi ku munsi wa gatanu, hasigaye umunsi umwe ngo habe amatora muri karitiye ya Kinondoni.

Ababibonye bavuga ko abapolisi bateye ivyuka bibaba amaso hamwe n'amasasu y'ukuri, barondera kwigizayo abayoboke ba Chadema bari mu myiyerekano berekeza ibiro vy'akanama kajejwe amatora.

Bamwe mu bayoboke b'uwo mugambwe barafashwe.

Mu kiganiro yagiranye na BBC, umukuru w'ishuli Prof Zacharia Mganilwa, yemeje ko umunyeshuli wabo Akwilina Akwilini yitavye Imana ku munsi wa gatanu.

Avuga ko umubiri w'uwo mwigeme warufise igikomere caturutse ku kuraswa mu mutwe.

Ku bw'umukuru w'iryo shuli, uwo munyeshuli yaragiye ahitwa Bagamoyo.

Uwurongoye igipolisi mu muji wa Dar es Salaam, Lazaro Mambosasa aremeza ko hari umuntu yarashwe agahita apfa, igihe igipolisi cari gihanganye n'abayoboke ba Chadema mu myiyerekano.

Izo mvururu zatanguye inyuma yaho abayoboke ba Chadema baja mu myiyerekano baja mu biro vy'akanama kajejwe amatora barondera ngo bahabwe amakarata yo kugenzura amatora.