Indege itwaye ingenzi 60 yagize isanganya muri Irani

Aseman ikoresha indege zo mu bwoko bwa ATR 72-500 Uwufise ububasha kw’isanamu KONSTANTIN VON WEDELSTAEDT
Image caption Aseman ikoresha indege zo mu bwoko bwa ATR 72-500

Indege itwaye niburiburi ingenzi 60 yatibutse mu misozi iri hagati mu gihugu ca Irani, niko ibinyamakuru bivuga.

Iyo ndege yakorokeye mu misozi ya Zagros hafi y'igisagara ca Semiron mu ntara ya Isfahan, igihe yari igurutse ivuye Teheran igiye mu gisagara ca Yasuj, kiri mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu, nkuko amakuru avuga.

"Ibigo vyose vy'abatabazi vyahagurukishijwe," nkuko umuvugizi wavyo avuga.

Indege ya kajugujugu yarondera gushika aho iryo sanganya ryabereye, ntiyashoboye kugerayo kubera igicu kibi.

Ubutegetsi ntaco burashikiriza ku boba bahatakarije ubuzima.

Iyo ndege vyemezwa ko ari iyo mu bwoko bwa ATR 72-500, ni iy'ishirahamwe Aseman Airlines.

Amakuru avuga ko yarimwo abantu 60, abajejwe umutekano babiri, abakozi bo mu ndege babiri, umudereva hamwe n'umufasha wiwe.

Image caption Ikarata ya Irani