Netanyahu: Irani ibangamiye israeli n'isi yose

Netanyahu avuga ko adashobora kwemera ko Irani ishira ibirindiro vyayo muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Netanyahu avuga ko adashobora kwemera ko Irani ishira ibirindiro vyayo muri Syria

Umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu yakariye cane igihugu ca Irani, avuga ko arico gihungabanya umutekano wa Israeli n'uw'isi yose.

Ashikiriza ijambo mu nama yiga ibibazo vy'umutekano i Munich, yagirije abanya Irani kugerageza kugenzura akarere k'ubuseruko bwa hagati, ibicishije mu bikogwa vy'iterabwoba.

Hageze umwanya Bwana Netanyahu yerekana akamanyu ka "drone" ya Irani, yakorowe na Israeli mu ndwi iheze.

Yavuze ko yiyemeje ko Israeli ikora ibishoboka vyose mu kwirinda ko Irani ishinga ibirindiro vya gisirikare muri Syria, vyobandanya bibangamira umutekano w'igihugu ciwe.

Ugukorora iyo "drone" cabaye igikogwa ca mbere, igisirikare ca Israeli gikoze kigwanya ica Irani.

Umushikiranganji w'imigenderanire ya Irani n'amakungu, Mohammad Javad Zarif, yitezwe gushikiriza ijambo uno munsi muri iyo nama yiga ikibazo c'umutekano.