Prezida Magufuli yategetse itohoza ku munyeshuli yishwe

Umuhisi Akwilina Akwilini Uwufise ububasha kw’isanamu PAUL WILLIAM SABUNI
Image caption Umuhisi Akwilina Akwilini

Prezida Magufuli yasavye abo bose vyega gukoresha itohoza ngo hamenyekana abishe umunyeshuli Akwilina Akwilini munyuma bafatigwe ibihano.

"Nababajwe cane n'urupfu rw'umunyeshuli Akwilina Akwilini wo kw'ishuli ryo kwunguruza abantu (NIT). Ndahojeje umuryango wiwe, incuti, abanyeshuli ba NIT, n'abo bose batuntujwe n'urwo rupfu. Nasavye ababijejwe bose gukoresha itohoza munyuma bafatire ingingo abakoze buno bwicanyi," niko Prezida Magufuli yavuze ku butumwa yacishije kuri Twitter.

Uwo mwigeme izina ryiwe n'ifoto vyaciye bikwiragizwa ku mbuga hwaniro, yarashwe ari muri bisi ku munsi wa gatanu, hasigaye umunsi umwe ngo habe amatora muri karitiye ya Kinondoni.

Ababibonye bavuga ko abapolisi bateye ivyuka bibaba amaso hamwe n'amasasu y'ukuri, barondera kwigizayo abayoboke ba Chadema bari mu myiyerekano, berekeza ibiro vy'akanama kajejwe amatora.

Bamwe mu bayoboke b'uwo mugambwe barafashwe.

Mu kiganiro yagiranye na BBC, umukuru w'ishuli Prof Zacharia Mganilwa, yemeje ko umunyeshuli wabo Akwilina Akwilini yitavye Imana ku munsi wa gatanu.