Abarundi babayeho mu bukene bariyongereye kuva mu mwaka uheze

Garry Conille (i bubamfu), umutunganyabikorwa wa ONU, Jean de Dieu Ndikumana (hagati) yaserukiye leta y'u Burundi na Salima, umwe mu bateguye icegeranyo
Image caption Icegeranyo cerekana ko ica gatatu c'Abarundi bakeney imfashanyo kubera ubukene

Igitigiri c'Abarundi babayeho mu bukene ciyongereko 18% ugereranije no mu mwaka uheze, zimwe mu mvo zikaba ari ikirere kibi hamwe n'ibibazo vya politike.

Ivyo bitigiri ubu bingana n'ica gatatu c'Abarundi bose baharurwa mu miliyoni cumi n'imwe.

Vyashikirijwe na Garry Conille asekura igisata ca ONU kijejwe kugarukira kuri ba ntahonikora OCHA.

Ni igihe bariko barashikiriza umugambi wo gufasha ba ntahonikora n'abari mu kaga wo muri uyu mwaka wa 2018.

Abakeneye imfashanyo biyongereyeko ibihumbi 600

Nk'uko biri mu cegeranyo cashikirijwe n'amashirahamwe ya ONU afasha abantu babayeho mu buzima bwa ntahonikora, ubu igitigiri c'Abarundi bakeneye imfashanyo ni imilioni 3 n'ibihumbi 600.

Ico gitigiri cariyongereye cane ugereranije no mu mwaka uheze kubera hoho abari bakeneye gufashwa bari imiliyoni zitatu.

Image caption Icegeranyo cerekana uko ikibazo c'ubukene cifashe mu Burundi muri uno mwaka

Ubukene bugenda bwiyongera, ubutunzi butifashe neza, ihindagurika ry'ibihe rituma hamwe hagwa imvura isambura uburaro n'imirima, n'ibihe vya politike igihugu gihitiyemwo bitifashe neza, ni bimwe mu vyatumye ibitigiri vyongerekana.

Garry Conille yaserukiye amashirahamwe ya ONU afasha ba ntahonikora amenyesha ko abakenyezi n'abana aribo bageramiwe.

Yagize ati: "Icigwa cakozwe cerekana ko Abarundi imilioni 3 n'ibihumbi amajana 6, ni ukuvuga ko ica gatatu c'Abarundi bari mu kaga bakaba bakeneye imfanshanyo.

Image caption Ibibazo vy'ihindagurika ry'ikirere hamwe n'ingorane za politike biri mu vyatumye ubukene bwiyongera

"Ibitigiri vyiyongereye hafi ku bice 20 kw'ijana ugereranije no mu mwaka uheze. Ahanini vyatewe n'ubukene budasanzwe hamwe n'impanuka zituruka kw'ihindagurika ry'ibihe.

"Abana n'abagore nibo bageramiwe cane. Ingwara yo gufungura nabi irabangamiye cane abana bafise imyaka iri musi y'itanu. Uwu mugambi uzotwara imiliyoni 141 z'amadolari y'Abanyamerika".

Ayo mafaranga azotangwa, agenewe gufasha abagera ku mulioni zibiri n'ibimbi amajana ane babangamiwe kurusha abandi.

Ikibazo cagarutse ni ukumenye ingene bizogenda mu gihe n'ayarakenewe mu mwaka uheze atabonetse yose.

Image caption Uwo mugambi uzotwara imiliyoni 141 z'amadolari y'Abanyamerika

Abafasha u Burundi batanze ibice 62 kw'ijana, Dr Jean de dieu Nahimana yaserukiye reta akaba yabavye abaserukira ayo mashirahamwe ya ONU kugira akigoro kugira ayo mafaranga aboneke.

Ni hehe hageramiwe cane?

Intara zigeramiwe kurusha izindi ni Kirundo, Muyinga, Cankuzo, Ruyigi, Makamba, Bubanza, Cibitoke, na Kayanza.

Izikeneye gufashwa mu bijanye n'amagara y'abantu ni Gitega, Mwaro, Bururi , Ngozi na Muramvya.

Ico cegeranyo cerakana ko amakuba yashikiye abanyagihugu avuye ku mvura y'umurengera kuva muri 2015, yatumye abagera ku bihumbi 188 bava mu zabo.

Uwu mugambi uzofasha kandi gusubiza mu zabo abahungutse mu kubafasha kuronka ikibatunga.