Abapolisi bishwe mu busuma bw'imbunda muri Afrika Yepfo

Inkozizikibi zatwaye inkoho 10 n'imodoka y'igipolisi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inkozizikibi zatwaye inkoho 10 n'imodoka y'igipolisi

Abantu batandatu bishwe mu buseruko bw'intara ya Cap muri Afrika Yepfo, inyuma yaho abasuma bafise ibigwanisho batereye ibiro vy'igipolisi bakiba inkoho n'amasasu.

Batanu muri abo bishwe ni abapolisi hamwe n'umusirikare atakora uwo munsi.

Mw'itangazo ryasohowe n'ikinyamakuru ca Leta "South African Government News Agency", bivugwa ko abapolisi batatu bishwe muri uwo mwanya nyene.

Uwo musirikare atari ku kazi yarashwe igihe izo nkozizikibi zariko zirahunga, zitwaye abapolisi babiri zinyuruje.

Ibiziga vy'abishwe vyatowe ku birometero bitandatu, vyatawe munsi y'ibarabara.

Uwo mugwi w'abasuma utamenyekanye, winjiye ku biro vy'igipolisi hafi y'ahitwa Umtata mu gitondo c'uno munsi, wugurura umuriro.

Igipolisi ntikiramenya imvo zoba zatumye haba ico gitero.

Abo bagizi ba nabi ngo boba babanje biba imashini y'amahera, imbere y'ico gitero.

Ngo batwaye inkoho cumi hamwe n'imodoka y'igipolisi.

Umukuru w'igipolisi muri Afrika Yepfo, Gen Khehla John Sitole yavuze ko yiyemeje kurondera abo bicanyi, avuga ko vyamubabaje cane.