Amasasu ngo yoba yakoreshejwe mu gushwiragiza impunzi

Impunzi zivuga ko hanakoreshejwe amasasu nyayo
Image caption Impunzi zivuga ko hanakoreshejwe amasasu nyayo

Abapolisi n'abasirikare b'u Rwanda bashwiragije impunzi z'Abanyekongo zari zimaze iminsi ibiri ku biro vy'ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, mu muji wa Kibuye.

Hari abavuga ko hakoreshejwe ivyuka bikoroza amarira, ariko hari n'abandi bavuze ko hakoreshejwe amasasu nyayo.

Izo mpunzi zisaba HCR kuzivana ku butaka bw'u Rwanda kubera ibibazo birimwo ivy'imfashanyo idakwiye hamwe n'uko leta y'u Rwanda ngo izinjiza zitabishaka mu migambi yayo, ariko ivyo leta irabihakana.

Image caption Igisira n'igipolisi cvy'u Rwanda nibo bashwiragije impunzi

Ikibazo ni ikihe?

Izi mpunzi zari zimaza imyaka ishika 20 ziba mu nkambi ya Kiziba mu muji wa Kibuye, ubu zikavuga ko zirambiwe ubuzima bwo muri iyo nkambi.

Kubera ibibazo vy'uburyo, imfashanyo yaragabanijwe ariko kandi impunzi zikavuga ko muri zo hari izinjizwa mu nzego zijejwe umutekano z'u Rwanda.

(Muramenye: iyi video ishobora gutera ikinya!)

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Uku niko vyari vyifashe impunzi zishwiragizwa

Zavuye mu nkambi ya Kiziba ku munsi wa kabiri zerekeza ku biro vya HCR i Kibuye, zivuga ko zidashobora gusubirayo.

Zisaba kwimurirwa mu kindi gihugu canke zigasubizwa iwazo muri Kongo, ariko HCR na leta y'u Rwanda bivuga ko muri Kongo hataratekana, nayo kwimurirwa ahandi ngo hari izindi ntambwe bicamwo.

Uno munsi rero igisirikare c'u Rwanda hamwe n'abapolisi, bakoresheje inguvu mu gukura izo mpunzi ku biro vya HCR i Kibuye, bagerageza kuzisubiza mu nkambi ya Kiziba.

Soma kandi: