Abatabazi barengewe mu ngwano iri muri Syria

Ibitaro vy'agateganyo i Douma - kimwe mu bisagara vyinshi biriko birarungikwamwo amabombe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibitaro vy'agateganyo i Douma - kimwe mu bisagara vyinshi biriko birarungikwamwo amabombe

Mu gihe ibitaro n'amavuliro vyasambuwe, abatabazi basigaye bavurira abakomeretse mu bitaro vy'agateganyo mu buseruko bwa Ghouta, mu gihe ibibombe vy'abagwanyi bashigikiwe na Leta ya Syria biguma bitikiza inganda.

Abarereka ivy'iyo ngwano bavuze ko niburiburi abantu 19 bishwe, abaganga bakaba batabarira abakomeretse aho bishobokeye, mu gihe inyubakwa nyinshi zabomowe.

Bitegekanijwe ko ubwo bwicanyi, bwicarigwa mu nama y'akanama kajejwe umutekano ka Onu ku wa kane ku mugoroba, ariko ntibiramenyekana ko hari amatora ategekanijwe yo gusaba ko hoba agahengwe kotuma imbabare zigarukigwa.

Umunyamabanga mukuru wa Onu yasavye ko ingwano ihagarikwa mu buseruko bwa Ghouta muri Syria, avuga ko agace karimwo inyeshamba gasigaye kameze nk'umuriro udahera wo kw'isi.

"Nemera ko Ubuseruko bwa Ghouta budashobora kurindira," niko Antonio Guterres yabwiye akanama ka Onu kajejwe umutekano ku munsi wa gatatu.

Ako kanama kasabwe gufata ingingo, yotuma ingwano ihagarikwa ku kiringo c'iminsi 30 muri Syria.

Ubuseruko bwa Ghouta bumaze iminsi bwibasiwe n'ibibombe bitegwa n'inteko za leta, zifashijwe n'igisirikare co mu kirere c'Uburusiya.

Igisirikare ca Syria kivuga ko kiriko kiragerageza kwaka ako karere inkozi z'iterabwoba - ariko cagirizwa kugaba ibitero no ku basivile.