Icegera c'umushikiranganji wa mbere yakinjuye muri Australia

Barnaby Joyce yaduze atowe n'abanyagihugu bo mu gihugu hagati Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Barnaby Joyce yaduze atowe n'abanyagihugu bo mu gihugu hagati

Icegera c'umushikiranganji wa mbere, Barnaby Joyce yatanze imihoho mu gihugu ca Australia, avuga ko avuye muri leta no mu burongozi bw'umugambwe National Party.

Ashikirije iyo ngingo hari haheze igihe asabwa gutanga imihoho, mu kuba yakundanye n'umwe mu bakozi biwe.

Uwo mugabo yagirizwa kandi guhohotera bishingiye ku gitsina, umuntu izina ryiwe ritashizwe ahabona.

Umushikiranganji wa mbere, Malcolm Turnbull, yari yaneguye icegera ciwe avuga ko atamenye ingene avyifatamwo kandi yari yarihanikije imibonano mpuzabitsina hagati y'abashikiranganji n'abakozi babo.

Bwana Joyce ku rundi ruhande yagirije umushikiranganji wa mbere kubabaza umuryango wiwe, mu gushikiriza amajambo adakenewe.