Pologne ishobora gufatigwa ibihano kubera abimukira

Image copyrightDENIS CHARLET/AFP/GETTY IMAGES

Abimukira mu tuzu tw'imfatakibanza Uwufise ububasha kw’isanamu DENIS CHARLET/AFP/GETTY IMAGES
Image caption Abimukira mu tuzu tw'imfatakibanza

Ubutegetsi bwa Pologne bwagabishije igihugu c'Ubudagi ko yoba abaye amakosa guhagarika amahera atangwa n'umuryango w'ibihugu vya Buraya ku banyamuryango, ku bihugu vyanse kwakira abimukira.

Umushikiranganji w'imigenderanire ya Pologne n'amakungu, Konrad Szymanski, yabwiye ikinyamakuru co mu Budagi (die Welt), ko igihugu ciwe kitazigera cemera ibitigiri vy'abimukira vyatunganirijwe ibihugu, ngo naho vyoba bishigikiwe n'abandi banyamuryango.

Yashikirije ayo majambo mu gihe hategekanijwe inama idasanzwe y'umuryango w'ibihugu vya Buraya i Buruseli.

Umukuru wa leta y'Ubudagi, Angela Merkel, yabwiye inama nshingamateka na nkenguzamateka ku munsi wa kane, ko amahera ava mu muryango w'ibihugu vya Buraya yotangwa aruko ibihugu vyemeye gusangira ikibazo c'abimukira, bikubahiriza ivy'umuryango washizeko agaciro kanini.

(Abategetsi 27 b'umuryango w'ibihugu vya Buraya bahurira uno munsi mu gisagara c'i Buruseli, kuvugana ku mahera azokoreshwa mu myaka indwi iza, no ku ngaruka zitewe nuko Ubwongereza bwawuvuyemwo.)