Ibigwati vy'aba Rohingya "vyarazimanganijwe" i Myanmar

Impunzi z'aba Rohingya mu nkambi ya Balukhali mu mpera z'umwaka wa 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Impunzi z'aba Rohingya mu nkambi ya Balukhali mu mpera z'umwaka wa 2017

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, cavuze ko leta ya Myanmar iriko irakoresha ibiduga bibomora, mu kuzimanganya ibigwati vy'aba Rohingya vyaheruka guturigwa.

Amasanamu atangwa na Satellite yerekana ibintu vyose biri hasi, ibiti vyaranduwe gushika ku mizi.

Ico kigo kivuga ko ivyo bizotuma aba Islamu b'aba Rohingya bahungiye muri Bangladesh bari mu bihumbi amajana, bagira ingorane igihe bazoba bariko barishuza inzu zabo.

Imbere yaho, ubutegetsi bwa Burma bwari bwavuze ko isi ikwiye kuringanizwa imbere yuko bwubaka inzu nshasha.

Nta muntu numwe mu bahunze aragaruka.

Ibindi bisa n’ibi