Nigeria igiye kwongereza indege zirondera abana banyurujwe

Idenge z'igisirikare ca Chad mu gikorwa co guhiga Boko Haram ku rubibe na Niger mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Vyatwaye indwi yose kugira Nigeria yegeranye uburyo bwo kurondera abakobwa banyurujwe

Igihugu ca Nigeria kivuga ko kigiye kwongera igitigiri c'indege ziri mu gikorwa co kurondera abakobwa banyurujwe nyuma y'igitero c'abarwanyi ba ki Islam kw'ishure mu ndwi iheze.

Vyibazwa ko abakobwa barenga ijana aribo bashobora kuba baranyurujwe n'abarwanyi ba Boko Haram mu ntara ya Yobe iri mu buraruko bushira ubuseruko.

Kare abajejwe intwaro bavuze ko abapolisi hamwe n'abakuru b'abajejwe umutekano barungitswe ku mashure kugira bakumire ibindi bitero vy'abarwanyi.

Ariko umunyamakuru wa BBC ari muri Nigeria yavuze ko leta vyayitwaye indwi yose kugira yegeranye uburyo bukwiye bwo kurondera abo bana.

Hari kandi n'amakuru avuga ko abasirikare bakuwe ku birindiro igihe gito imbere y'uko ico gitero kiba, ariko leta irabihakana.

Soma kandi:

Ibindi bisa n’ibi