Umupolisi wa Kongo yishe uwigaragamvya yapfunzwe uwo guherayo

Abagatolika bari mu myiyerekano i Kinshasa mu kwa 12 mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Haheze iminsi hari imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila muri Kongo, ishigikiwe n'ishengero Gatolika

Umupolisi wo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo yarashe akica umuntu yari mu myiyerekano i Mbandaka, mu buraruko bushira uburengero, yakatiwe igipfungo ca burundu.

Bivugwa ko uwo mupolisi yarashe uwo muntu igihe yariko arataha muhira avuye mu myiyerekano.

Abantu babiri barishwe barashwe n'abajejwe umutekano mu myiyerekano iheruka ishigikiwe n'ishengero Gatolika.

Haciye amezi haza haraba imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila, yagumye ku butegetsi naho ikiringo ciwe caheze mu 2016.

Soma kandi: