Mu Rwanda bariha taxi moto hakoreshejwe ubuhinga bwa none

Akuma ka YegoMoto umunyonzi yitwaza
Image caption Uburyo bushasha bwo kuriha taxi moto mu Rwanda bukoresha telefone ngendanwa ukarihisha ubuhinga bwa mobile money

Mu gihugu c'u Rwanda baramaze gutanguza ubuhinga bwo kuriha ingendo za taxi moto hakoresheje ubihinga bwa none, buzwi nka YegoMoto.

Ikigo YegoMoto cazanye ubwo buhinga mu Rwanda kivuga ko buzorohereza abatwara izo moto hamwe n'ingenzi zizikorako.

Igiciro uko gihagaze, ku birometero vya mbere bibiri umukiriya ariha amafaranga 300 y'u Rwanda, nayo ibirimetero bikurikira bikarihwa 110 ku kirometero.

Umuyobozi wa YegoMoto, Karanvir Singh, avuga ko ubwo buryo buzokworosha vyinshi cane cane ku bijanye no kuriha.

Bwana Singh agira ati: "Ntukenera guciririkana n'uwutwara moto, uriha ayo icuma kikubwiye gifatiye ku birometero wagenze.

"Ntibizoba ngombwa kwitwaza amakashi kuko umuntu azoja ariha akoresheje uburwo bwa telefone ngendanwa buzwi nka mobile money.

"Umwanya wahora utakazwa, ungana n'iminota nka cumi, umukiriya arindiriye ko bamusubiza ubu ntuzosubira gutakazwa."

Bwana Singh avuga kandi ko umutekano w'abakiriya uzokwiyongera kuko ibiranga buri munyonzi wa taxi moto bizoba bizwi, anyarutse cane canke ntafate neza umukiriya bizomenyekana.

Image caption Karanvir Singh, umuyobozi wa YegoMoto, avuga ko ubu buryo bushasha buzokwongera umutekano w'ingenzi

Ariko hari utunenge

Abatwara taxi moto bakoresha uburyo bwa YegoMoto bavuga ko abakiriya batarabumenyera kandi basa n'ababwidogera.

Umwe mu bavuganye na BBC yavuze ko ashobra kumara indwi yose akora ariko umuntu umwe gusa akaba ari we yemera gukoresha ubwo buryo.

Abikora kuri taxi moto mu kwiyunguruza nabo bavuga ko ata karusho kanini babone, mbere bamwe bakavuga ko buzimvye.

Umwe mubo BBC yaganiriye nabo yagize ati: "Ku rugendo rwa hafi ubu buryo ni bwiza. Ariko ugiye kure usanga igiciro gikuba kabiri ayo wahora uriha.

"Nk'ubu mvuye ngaha (ntiyavuze aho ariho) ngiye mu muji, nashobora kwumvikana n'umumotari nkamuha 800 canke 1000. Ariko ukoresheje YegoMoto uca uriha 1400 canke 1500".

Image caption Mu mezi icenda ari imbere abanyonzi bose ba taxi moto bagomba kuba binjiye mu buryo bushasha bwa YegoMoto

Moto zose zigomba kubukoresha

Ikigo YegoMoto kivuga ko kimaze kwakira abanyonzi ba taxi moto 700, nyuma y'ibikorwa vyo kugerageza ubu buryo bushasha.

Ariko ikigo kigenzura ibikorwa vy'inyungu rusangi ku gihuru, RURA, kivuga ko mu kiringo kitarenze amezi icenda buri muyonzi wa taxi moto agomba kuba yarinjiye muri ubu buryo bushasha.

YegoMoto niyo yahawe iri soko ku kiringo c'imyaka itanu.

Ibindi bisa n’ibi