Trump agiye kuduza ikori ku vyuma vyinjizwa muri Amerika

Amerika ikura ivyuma ku bihugu birenga 100 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amerika ikura ivyuma ku bihugu birenga 100

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, yamenyesheje ko agiye kuduza amatagise ku vyuma vyinjizwa mu gihugu, ariko nyiyvakiriwe neza.

Canada n'ibihugu vya Buraya vyavuze ko bigiye gushikiriza ingingo zihagarikisha ayo matagise mashasha.

Ibihugu vya Mexique, Ubushinwa na Brésil bivuga ko biriko biraraba ingene vyoshiraho ingingo zo kwihora.

Bwana Trump yanditse ku buryo bwa Twitter ko Amerika "yishwe n'urudandazwa rutunganijwe nabi na politike mbi".

Yavuze ko amakori y'ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" azoja kuri 25%, ivyo mu bwoko bwa "aluminium" kuri 10%.

Abanegura uwo mugambi bavuga ko ayo makori mashasha atazokingira ubuzi bw'abanyamerika, kandi ko azotuma ibiciro biduga ku baguzi.

Ku munsi wa gatanu, Ubushinwa bwasavye bushimitse Amerika "kwigumya igihe burondera gukingira igisata c'ubudandaji".

Itegeko ryo mu 1962 riha ububasha umukuru w'igihugu wa Amerika guhagarika ibidandazwa vyinjira mu gihugu, igihe vyotuma umutekano w'igihugu uhungabana.

Ubushikiranganji bw'ubudandaji mw'itohoza bwakoze, bwasanze ibidandazwa vyinjizwa vyononera amahinguriro ya "acier" na "aluminium", ngo bigashobora gutandukira n'amahinguriro y'ibigwanisho, nkuko ikinyamakuru Washington Post kivuga.

Ingingo yo gushinga amakori iri mu bubasha bw'umukuru w'igihugu, ntikenera gucishwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ngo ishobore kwemezwa.

Ibindi bisa n’ibi