Umusore akora amakaro mu bumwanya muri Tanzaniya

(i buryo) Edgar Edmund Tarimo,17, yaratsindiye agashimwe Anzisha mu 2017
Image caption (i buryo) Edgar Edmund Tarimo,17, yaratsindiye agashimwe Anzisha mu 2017

Afise imyaka iri munsi ya 17, Edgar Edmund Tarimo yarakoze imashini ikora amakaro y'inzu akoresheje ubumwanya bwatawe hamwe n'umucanga.

Kuri ubwo buhinga bwiwe, yarashoboye kugabanya umucafu utegwa n'ubumwanya no gusukura ibidukikije vyacafuzwa n'ubwo bumwanya.

Ishirahamwe ryiwe yaryise Green Venture, rikaba rifise abakozi batandatu n'abandi 80 bamufasha kurondera ubumwanya aho bwatawe.

Edgar avuga ko yatanguye uwo mugambi wiwe afise ibihumbi 40 vy'amashilingi ya Tanzaniya, ariko ubu umutahe wiwe ngo uhagaze ku miliyoni zine.

Image caption Ayo makaro akozwe mu bumwanya hamwe n'umucanga

Edgar Edmund yatanguye gukora iyo mashini mu myaka itatu irangiye, bitewe n'imvura nyinshi yaguye mu karere yabamwo, amazu aratwagwa, umwanda w'amaplastike azanywe n'imvura aragwira. Yaciye yiyumvira ingene yokora ibikoresho vyo kwubaka inzu bizimbutse, akongera agafasha gusukura ibidukikije.

''Niyumviriye ingene notora inyishu y'ingorane zibiri icarimwe, nca niyumvira ingene nokoresha umucafu mu gukora ibikoresho bizimbutse vyo mu bwubatsi abantu bokoresha, bigatuma ngabanya umucafu mu kwegeranya ubwo bumwanya nkabukoresha."

Image caption Imashini imufasha kuyongesha ubwo bumwanya

Imbere yo gukora iyo mashini ikoreshwa umuyagankuba, yakoresha imbabura y'amakara mu kuyongesha ubwo bumwanya.

Ibindi bisa n’ibi