Abagwayi barihiwe ibitaro n'abagiraneza mu Burundi

Abagwaye bari ku bitaro Prince Regent Charles i Bujumbura
Image caption Abagwaye bari ku bitaro Prince Regent Charles i Bujumbura

Abo mu nama nshingamateka y'Uburundi uno munsi bafashije abantu 28 bari babuze amahera yo kuriha gusohoka ibitaro Prince Regent Charles na Roi Khaled i Bujumbura.

Ku bantu 21 bari bafunzwe muri bitaro Prince Regent Charles kubera bananiwe no kuriha amafaranga bavuweko, abaronse amahirwe yo kurihirwa ni 17 kuri fagitire yose hamwe ingana na milioni 3 z'amafaranga y'amarundi.

Muri izo umukuru w'inama nshingamateka Pascal Nyabenda avuga ku bwiwe ko yatereye umuliyoni.

Image caption Umukuru w'inama nshingamateka Pascal Nyabenda

Ku bindi bitaro, Roi Khaled, nahonyene harishwe milioni 3 ku bantu 11 kuri 17 bari babikeneye.

Muri abo barihiwe kuri Prince Regent harimwo Elia Bukuru, umusore w'imyaka 33 ava mu ntara ya Mwaro ku bilometero birenga 60 uvuuye I Bujumbura.

''Nari maze ukwezi mpfungiwe ngaha kuko nabuze amafaranga yo kuriha arenga ibihumbi amajana ane''.

Harimwo kandi na Ndayizeye Marie Claire, umugore w'imyaka 33 ava mu ntara ya Muramvya.

''Nagire nkwize indwi zitatu mpfungiwe ngaha, ariko n'ubu ndindiriye ko Imana yokwongere igasubira igakoresha umuntu kugira ndonke ingene nsubira ruguru''.

Image caption Ibitaro Prince Regent Charles nivyo bitaro bikuru vya leta i Burundi

Umuyobozi w'ibitaro Prince Regent Charles Ines Roseline Nduwimana avuga ko uwo binaniye kuriha atakundi bobigenza atari ukumugumya gushika hagize uwuza kumurihira.

''Turaberetse bakagenda gutyo n'abashoboye kuriha bohava baca bareka kuriha''

Mu Burundi kwivuza n'ikibazo gikomeye ku bantu benshi mu gihe bivugwa ko urugero rw'abugarijwe n'ubukene ruguma rwiyongera.

Ibindi bisa n’ibi