FMI irakebura Trump ku kurondera kuduza amatagise ku vyuma

Amerika igura 15% y'ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" Ubwongereza bushora hanze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amerika igura 15% y'ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" Ubwongereza bushora hanze

Ikigo kigenzura ikoresha ry'amahera kw'isi "Fonds Monétaire International" (FMI) cagabishije Prezida Donald Trump ku ngingo yo kuduza ikori ku vyuma vya "acier" (25%) n'ivya "aluminium" (10%).

Ico kigo kivuga ko iyo ngingo ishobora kuzana ingaruka mbi kuri Amerika no ku bindi bihugu.

Kivuga ko n'ibindi bihugu bishobora gukurikiza iyo ngingo ya Amerika, navyo nyene bikadukana amategeko mashasha ku budandaji mu kurondera gukingira umutekano w'ibihugu vyavyo.

Igihugu ca Canada ari naco giha Amerika ivyuma vyinshi vya "acier" kivuga ko ayo makori mashasha azokwononera impande zose.

Umuyobozi mukuru w'ishirahamwe rigenzura ubudandaji kw'isi "World Trade Organization", Roberto Azevedo yagize ati: "Ingwano y'ubudandaji nta numwe ayungukiramwo."

Bwana Trump we yanditse ku buryo bwa Twitter "Ingwano zo mu budandaji ni nziza."

Canada ni kimwe mu bihugu bimaze kuvuga ko bishobora gufata ingingo zo kwihora igihe Trump yotsimbatara kuri uwo mugambi wo kuduza ikori.

Ibindi bisa n’ibi