Uguhagarikira urukino ku buryo bwa video vyemejwe

Umuhagarikizi Mark Geiger asaba ngo video isubiremwo igitsindo ca kabiri ca Australia cinjijwe na Tomi Juric bahura n'Ubudagi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuhagarikizi Mark Geiger asaba ngo video isubiremwo igitsindo ca kabiri ca Australia cinjijwe na Tomi Juric bahura n'Ubudagi

Umugwi ujejwe gutunganya amategeko y'umupira w'amaguru wemeje ata numwe avuyemwo ikoresha ry'ubuhinga bwa video mu guhagarikira inkino.

Iyo ngingo yafashwe mu nama i Zurich aho abaserukira ibihugu muri FIFA bari bakoraniye, berekwa ingene ubwo buhinga bufasha vyukuri.

Ubwo buhinga buzwi kw'izina rya VAR (Video assistant referees), bufasha abahagarikizi b'inkino gusubiramwo ibihe bitahurijweko vy'inkino, nk'ibitsindo bitemewe canke penaliti.

FIFA yipfuza gukoresha ubwo buryo mu gikombe c'isi yose mu Burusiya uno mwaka.

Umukuru wa FIFA, Gianni Infantino, yavuze ko iyo ngingo itanguje ibihe bishasha mu rukino rw'umupira w'amaguru.