Amerika igiye guhangana n'Uburaya ku vy'amakori

Ikigo ca VW muri California. Bwana Trump avuga ko atemera ubudandaji budakorewe ku mangane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikigo ca VW muri California. Bwana Trump avuga ko atemera ubudandaji budakorewe ku mangane

Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko azofata ingingo zindi zo gukingira ubutunzi bw'igihugu, igihe ibihugu vya Buraya bizoba bishinze ingingo zo kwihora ku makori agiye kuduza ku vyuma vyinjira mu gihugu ciwe.

Yagabishije ko ashobora guca ashinga amatagise mashasha ku rudandazwa rw'imiduga, avuga ko amatagise y'ibihugu vya Buraya yatumye imiduga ikoregwa muri Amerika itaronka isoko.

Bwana Trump yavuze ko yiyemeje gutorera umuti uruhombo ruri mu gisata c'ubudandaji, ariko bamwe mu bahanuzi biwe bamusaba kuvyitondera.

Ubushinwa nabwo nyene bwaridogeye ingingo ya Prezida Trump ku bijanye n'amakori mashasha.

Umwe mu bategetsi b'i Beijing yavuze ko atipfuza ingwano yo mu budandaji ariko ko azofata ingingo zikenewe igihe Amerika izoba ibangamiye ubutunzi bw'ico gihugu.

Ibindi bisa n’ibi