Infashanyo zageze mu muji wa Ghouta

Ghouta Uwufise ububasha kw’isanamu YOUSSEF BADAWI
Image caption Umusirikare ahagaze imebre y'imodokari y'ishirahamwe Croix Rouge iri mu zigemuye

Ku ncuro ya mbere habonetse inzira yo kugemura infashanyo mu muji wa Ghouta mu buseruko bwa Syria kuva mu ndwi zibiri ziheze hatanguye intambara

Urwamo rw'ibirwanisho vya rutura hamwe n'amasasu vyariko birasirana mu gihe urwo rukurikirane rw'imodokari rwari rureruye infashanyo rwarengana mu muji wa Douma, n'ubwo vyari vyavuzwe ko hari agahengwe katanzwe k'amasaha atanu buri munsi.

Igihe ako gahengwe karangira, ibitero vya leta vyavuzwe ko vyari vyatanguye kandi hafi yaho

Abategetsi bavuga ko vyinshi mu vyari biteganijwe cane cane mu bikoresho vyo kwa muganga, haba ibijanye no kuvura abakomeretse, bitemerewe gupakururwa.