Sierra Leone mu matora y'umukuru w'igihugu

Abarorerezi b'amatora bavuga ko aza kuba mu mahoro Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarorerezi b'amatora bavuga ko aza kuba mu mahoro

Abanyagihugu barenga imiyoni zitatu mu gihugu ca Sierra Leone bazindukiye mu matora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka hamwe nay'abajenama.

Ku mugwa mukuru Freetown, wabona imirongo miremire mu bibanza vy'amatora n'imbere yuko umutwenzi ushika.

Prezida Ernest Bai Koroma agiye kuva ku butegetsi inyuma yaho arangirije ibiringo bibiri vy'imyaka itanitanu.

Uwo yatoye amusubirira, Samura Kamara, ahanganwa n'abakandida 15 - benshi muribo bemeye ko bagiye guhasha ikibazo c'ibiturire hamwe n'ic'ubukene.

Bwana Kamara wo mu mugambwe "All Peoples Congress" (APC) ari mu bakandida batatu bashobora kugira amahigwe yo gutogwa - abandi ni Julius Maada Bio wo mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi "Sierra Leone People's Party" (SLPP) hamwe n'uwigeze gukora muri Onu, Kandeh Yumkella w'umugambwe uheruka kuvuka "National Grand Coalition" (NGC).

Imwe mu ngorane umutegetsi mushasha azotegerezwa kwicarira ni gusanura igisata c'ubuvuzi inyuma y'ikiza ca Ebola co mu 2014 cahitanye hafi abantu 4000.

Abaganga 200 nibo bakora mu gihugu c'abanyagihugu imiliyoni indwi.

Uwuhagarariye amatora ku ruhande rw'umuryango Commonwealth, uwigeze gutwara Ghana John Mahama, yabwiye BBC ko hari ivyerekana ko ayo matora aba mu mahoro.

"Abantu bari mu mirimo yabo. Nta bwoba bafise ngo hari ikiza guturika," niko yavuze.

Bwana Mahama avuga ko abakandida bari biyemeje kugwanira amahora imbere yuko amatora aba.