Mnangagwa yavuze ko ubuzima bw'igihugu bubandanya inyuma ya Mugabe

Mnangagwa ngo ari ku butegetsi bidaciye mu mategeko, niko Mugabe yavuze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mnangagwa ngo ari ku butegetsi bidaciye mu mategeko, niko Mugabe yavuze

Umukuru w'igihugu ca Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yavuze ko igihugu kibandanya inyuma y'uburongozi bwa Robert Mugabe, kubu gishinze ijisho amatora y'uno mwaka.

Yashikirije ayo majambo inyuma yaho Bwana Mugabe atangiye ikiganiro, avuga ko yategetswe gutanga imihoho mu kwezi kwa 11.

Uwo mukuru w'igihugu wa kera yavuze ko yakuwe ku butegetsi bidaciye mu mategeko mw'ihirika ry'ubutegetsi, abanya Zimbabwe ngo bakaba bari bakwiye kwikurako ico ceyi bishizeko.

Uwo mugabo w'imyaka 94, yavuze ko ku myaka afise, ko adakwiye gusubira gutwara.

Prezida Emmerson Mnangagwa yavuze ko indongozi y'igihugu ya kera, ifise uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro vyayo.

Ku butumwa yacishije kuri Facebook, Mnangagwa yavuze ko igihugu cabandanije ubuzima.

"Kw'itariki ya 21 Ukwezi kwa 11, 2017, umukuru w'igihugu wa kera Mugabe yashikirije ikete ryo gutanga imihoho hisunzwe agace ka 96, umurongo wa 1, k'ibwirizwa shingiro rya Zimbabwe. Ararekuriwe gushikiriza ivyiyumviro nk'uwundi munyagihugu wese," niko itangazo ryo mu biro kwa Prezida rivuga.

"Leta ya Zimbabwe irubahiriza ivyo itegerezwa gutunganiriza umukuru w'igihugu wa kera ku bijanye n'ubuzima n'ivyo ahabwa, nkuko biri mw'ibwirizwa shingiro rya Zimbabwe."

Mu kiganiro yagiranye na televiziyo SABC, Mugabe yavuze ati"abantu bakwiye gutogwa kuja muri leta mu buryo bukwiye".

Yavuze ko uburongozi bwa Mnangagwa butemewe n'amategeko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Robert Mugabe yibuka isabukuru yiwe mu mwaka uheze. Avuga ko imyaka afise itotuma asubira ku butegetsi

Bwana Mnangagwa we avuga ko igihugu gihanze ijisho amatora yimirije muri uno mwaka.

"Ubuzima bw'igihugu burabandanya. Ikituraje ishinga kuri uyu mwanya ni gutegura amatora yokogwa ku bwisanzure, y'ukuri kandi yemerwa na bose mu 2018. Kino ni igikogwa gihambaye kizokura abanyagihugu mu ngorane z'ubutunzi n'ikumigwa bashizwemwo n'amakungu," niko iryo tangazo ryo mu biro kwa Prezida rirangiza rivuga.

Ibindi bisa n’ibi