Tagisi itwara abasaza ku buntu muri Afrika Yepfo

Amatagisi menshi yo muri Afrika Yepfo ni ama bisi matomato atwarira abantu benshi rimwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatagisi menshi yo muri Afrika Yepfo ni ama bisi matomato atwarira abantu benshi rimwe

Umugabo wo muri Afrika Yepfo amaze iminsi ategwa amashurwe ku mbuga hwaniro inyuma yaho amenyeshereje ko azoza aratwara abasaza barenza imyaka 70 ku buntu.

Yaseen Abrahams yamenyesheje ivy'uwo mugambi wiwe kuri Facebook i Bonteheuwel, agasagara kari hafi ya Cape Town.

Ntivyatevye, abantu baciye batangura gushimira uwo mugabo w'imyaka 25 kuri ico gikorwa ciza.

Yavuze ko azoza aratwara abo bantu ku buntu inyuma ya 09:00 iminsi y'akazi, hamwe n'inyuma ya 10:00 ku wa gatandatu no ku wa Mungu.

Bwana Abrahams hamwe n'umushoferi wiwe, Ashraf Cassiem w'imyaka 38, yabwiye ikinyamakuru The Daily Voice, ko bamaze igihe kirekire batarihisha abakukuruke, amaze kubona ko bibagora mu buzima.

Bwana Abrahams yavuze ati: "Iminsi yose turatanga amahera ku migwi y'inkozizikibi canke tukazitwara ku buntu, naciye nibaza nti kubera iki tutoha "lift" abasaza bo babikeneye? Benshi muribo baragwaye kandi ntibashobora kugenda n'amaguru mu mavuriro n'ahandi."

Yavuze ko kubura nyina mu 2016 vyamutuntuje, aca atangura kwitaho abantu bakuze, benshi muribo badashobora kuronka amahera ya bisi.

Inyuma yaho ashigikiwe cane, Bwana Abrahams ariko asaba abandi bantu bafise amatagisi kugira nkawe ngo bafashe abakene.

Umuvugabutumwa wo muri ako karere yabwiye The Daily Voice ko uwo mugambi ugiye gutuma abari mu karuhuko k'iza bukuru baziganya, yongera ati: "Kino ni ikintu ciza ku banyagihugu ba Bonteheuwel. Benshi bazoryohegwa."