CPI yagenye abacamanza barangiza urubanza rwa Uhuru na Ruto

Prezida Uhuru Kenyatta (i buryo) hamwe n'icegera ciwe William Ruto Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Uhuru Kenyatta (i buryo) hamwe n'icegera ciwe William Ruto

Uburongozi bwa Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) bwagenye abacamanza batatu bajejwe kurangiza urubanza rwa Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya n'icegera ciwe William Ruto.

Mw'itangazo yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi y'iyo sentare, bivugwa ko icumba ca kane cashikirijwe imanza zitatu: urwa mbere rwerekeye Prezida Kenyatta, urwa kabiri rwerekeye Ruto n'umumenyeshamakuru Joshua Sang, urwa gatatu rwerekeye Abdallah Banda Abakaer Nourain, yagirizwa ivyaha vy'intambara ku basirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika muri Sudani.

Bwana Kenyatta, Bwana Ruto na Bwana Sang bakurikiranwa ivyaha vyibasira zina muntu ku bijanye n'ubwicanyi bwadutse inyuma y'amatora yo mu 2007-08.

Ivyagirije kuri Bwana Kenyatta vyarafuswe itariki 5, Ukwezi kwa 12 mu 2014 ku buke vy'ivyemezo.

"Urwo rubanza rufatwa ko rwarangiye kiretse kandi gushika umushikirizamanza atanze ivyagiriji bishasha," niko CPI ivuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Icicaro gikuru ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI

Kw'itariki 5 Ukwezi kwa kane mu 2016, CPI yararangije imanza kuri Bwana Ruto na Bwana Sang.

Sentare yari yamenyesheje ko ata vyemezo bikwiye ifise ariko ntiyabeza.

Abacamanza batatu bagenywe, basabwe kurangiza izo manza ukwo amategeko abitegekanya, zikazoguma zifatwa ko zarangiye kiretse ubushingwamanza buzanye ibindi birego.

Ibindi bisa n’ibi