Xi Jinping aragabisha abokwipfuza gusambura Ubushinwa

Xi Jinping yashize ahabona ingene abona kazoza k'Ubushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Xi Jinping yashize ahabona ingene abona kazoza k'Ubushinwa

Umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping yavuze ko Ubushinwa ari igihugu c'igihangange kiriko kiraduga, mw'ijambo ryo kwugara ibikogwa vy'inama nshingamateka yashikirije.

Mr Xi yavuze ko "gushika ku bwiyunge bw'igihugu" ari "icizere rusangi ku bashinwa" ko uwohirahira kugabura igihugu atavyo azoshikako.

Iryo jambo ryasa no kugabisha aboba bipfuza kwiyonkora ku gihugu, nk'ibibera muri Taiwan na Hong Kong.

Bwana Xi yagabishije ko atazemera kubirabisha ijisho.

Hagataho, umushikiranganji wa mbere mu kiganiro akoresha rimwe ku mwaka n'abamenyeshamakuru, Li Keqiang, yavuze ko Ubushinwa bwiyemeje gukomeza imigenderanire ku bijanye n'ubudandaji mpuzamakungu.

Yavuze ko Ubushinwa buzokwugurura ubutunzi bwabwo "kugira ngo amashirahamwe yo mu gihugu hagati n'ayo hanze" ashobore guhiganwa ku masoko yo mu Bushinwa.

Ayo majambo y'umushikiranganji wa mbere ateye kubiri n'ayaherutse gushikirizwa n'uburongozi bwa Trump, busa n'ubushaka gukingira igihugu mu vy'ubudandaji no kurondera gushinga amakori mashasha muri Amerika.

Bwana Xi Jinping yabaye Prezida mu 2013, ubu naho agasa n'uwugiye kurongora Ubushinwa ubutakivaho, inyuma yaho inama nshingamateka ikuriyeho itegeko ry'ibiringo bibiri ku mukuru w'igihugu.

Ubu afatwa nk'umuntu w'ijunja rinini inyuma ya Mao Zedong, akaba yanashize bamwe mubo bacuditse mu butegetsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida asaba abashingamateka gukora ku neza y'abanyagihugu

Yashikirije ukwo abona kazoza k'Ubushinwa, avuga ko amateka yerekanye ko ""socialisme" yonyene ariyo ishobora gukiza Ubushinwa".