Inkura ishaje kurusha izindi kw'isi yapfiriye muri Kenya

Sudan, yafotowe mu 2016 ifise imyaka 45 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sudan, yafotowe mu 2016 ifise imyaka 45

Inkura y'ingabo ishaje kurusha izindi kw'isi yapfiriye mu gihugu ca Kenya imaze amezi igwaye, nkuko abayikurikirana babimenyesheje.

Sudan yitavye Imana ifise imyaka 45, ikaba yari itungiwe mu kigo Ol Pejeta Conservancy muri Kenya.

Yasinzirijwe ku munsi wa mbere kubera ukuremba, biturutse ku ngorane zijanye no gusaza.

Iyo nkura ngo yari ifise ingorane zo mu mitsi no mu magufa, hamwe n'ibiguma vyinshi ku mubiri.

Isize inkura zibiri z'ingore - umukobwa wayo hamwe n'umwuzukuru w'umukobwa - ibikoko vyo muri ubwo bwoko bigisigaye kw'isi.

Icizere cuko haboneka uruvyaro rwo muri ubwo bwoko "northern white rhino" kizova mu gukoresha ubuhinga bwa "in vitro fertilisation" (IVF).

Ubutumwa bwo kumenyesha urupfu rw'iyo nkura rwacishijwe kuri TWITTER.

Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Sudan iri kumwe n'uwayikurikirana

Inkura - ziri mu bwoko butanu - ziri mu bikoko vya kabiri vyinshi vyonsa inyuma y'inzovu.

Izo mu bwoko "white rhinoceros" (inkura zera) zigizwe n'imigwi ibiri: inkura zera zo mu bumanuko "southern white rhino" zoba zishika ku 20000 kandi zikaba mw'ishamba, hamwe n'ubundi bwoko butaboneka cane bw'inkura zera zo mu buraruko "northern white rhino".

Urupfu rwa Sudan rubaye haheze imyaka irenga itatu iyindi nkura y'ingabo ipfuye ihitanywe n'urupfu rusanzwe mu 2014.

Inkura nka mwenizo zishwe n'abahigi b'ibikoko mu bihugu vya Uganda, Repubulika ya Centrafrique, Sudani na Tchad hagati y'i 1970 n'i 1980.

Amenyo yazo akoreshwa mu bihugu vya Asia mu mihamuro y'imiti cane cane mu Bushinwa.

Izindi nkura zera zo mu buraruko zishwe mu ngwano mu ntango yo mu 2000 muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo.

Kuva mu 2008, inkura zera zo mu buraruko "northern white rhino" zasa n'izahonye kw'isi nkuko ikigo World Wildlife Fund kivuga.

Ibindi bisa n’ibi