Benshi mu bigeme banyurujwe kw'ishuli muri Nigeria barekuwe

Abigeme 110 nibo banyurujwe kw'ishuli rya leta rya Dapchi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abigeme 110 nibo banyurujwe kw'ishuli rya leta rya Dapchi

Benshi mu bigeme banyurujwe n'abagwanyi kw'ishuli rya Dapchi muri Nigeria bagarutse, nkuko abanyagihugu bo muri ako karere babimenyesheje BBC.

Abanyagihugu bavuga ko benshi ku bigeme 110 bagarukanywe mu modoka uno munsi mugitondo.

Ivyatumye bagarukanwa ntibiramenyekana, ariko hari amakuru avuga ko batanu muribo bapfuye.

Hari haheze ukwezi kurenga banyurujwe, bakuwe kuri iryo shuli.

Umwe mu bavyeyi, Kundili Bukar yabwiye BBC ko abagwanyi - bemeza ko ari aba Boko Haram - baje n'imodoka n'amapikipiki baca bashikiriza abo bakobwa abanyagihugu.

Bivugwa ko abo bagwanyi baciye bagenda ubwo nyene, abo bakobwa nabo ngo bakaba basa n'abagwaye kandi barushe.

Nta wuremeza irekugwa ry'abo bakobwa, ariko umusirikare ari kw'ibariyeri hafi y'ico gisagara yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Boko Haram yazanye ba bakobwa."