Ibihugu 44 vyateye igikumu ku masezerano atanguza isoko ya Afrika

Ibihugu 44 nivyo vyashize umukono ku masezerano yo gutanguza isoko ya Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu RWANDA PRESIDENCY
Image caption Ibihugu 44 nivyo vyashize umukono ku masezerano yo gutanguza isoko ya Afrika

Ibihugu 44 vyateye umukoni ku masezerano agiye gutuma hatungura isoko ata gihugu gikumiwemwo mu birori vyabereeye i Kigali mu gihugu c'u Rwanda.

Iyo soko izoba ifise abantu barenga umuliyardi n'umwimbu w'amahera imiliyardi $2600.

Ku bw'ikinyamakuru c'u Rwanda cashoboye kuronka ivyari muri ayo masezerano bivugwa ko, ibihugu 27 vyemeye kurekura uruja n'uruza rw'abanyagihugu ku mipaka yavyo.

Ayo masezerano agiye gutuma ubuzi, imigenderanire yo gufashanya hamwe n'ibidandazwa bizunguruka mu bihugu birenga 50 vya Afrika.

Uwufise ububasha kw’isanamu RWANDA PRESIDENCY
Image caption Ibihugu 44 nivyo vyemeje amasezerano

Igihugu ca mbere gitunze ku mugabane wa Afrika, Nigeria, nticateye umukono kuri ayo masezerano.

Ubutegetsi bwaco ngo bufise impungenge ko abanyagihugu baco bohava babura akazi, igihe coba cinjiye mw'iryo soko rusangi.

Leta irongowe na Prezida Muhammadu Buhari yavuze ko izovyihweza munyuma.

Igihugu c'Uburundi naco nyene nticagiye mw'ivyo birori, ubutegetsi bukaba bwamenyesheje ko bwabitewe n'imvo z'umutekano, n'imigenderanire itifashe neza muri kino gihe.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu Alain Diomede Nzeyimana akaba yamenyesheje k'ubutegetsi bushora gutera igikumu kuri ayo masezerano munyuma.