Africa Yepfo ibandanya itanga uburyo mu rubanza rwa Zuma

Bwana Zuma yatanze imihoho mu kwezi kwa Kabiri agondojwe n'umugambwe wiwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Zuma yatanze imihoho mu kwezi kwa Kabiri agondojwe n'umugambwe wiwe

Umukuru w'igihugu wa Afrika Yepfo Cyril Ramaphosa yavuze ko leta izobandanya iriha ibijanye n'urubanza rw'umukuru w'igihugu yahahora Jacob Zuma, rushingiye ku biturire.

Mw'itangazo ryasohotse ku munsi wa kane, Bwana Ramaphosa yavuze ko hari amasezerano yapfunditswe yuko igihugu kiguma kiriha gushika igihe bizoba bimenyekanye kw'ivyo Zuma akurikiranwako yabikoze ku giti ciwe, hagufatwa nk'ivyakozwe n'umukuru w'igihugu.

Yavuze ko muri ayo masezerano bisabwa ko uwo yasubiriye ariha amahera azoba yatangiwe, igihe vyibonekeje ko ariwe yagirizwa ivyaha.

Nkuko umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi "Democratic Alliance" (DA) uvuga, leta imaze kuriha imiliyoni 15 z'ama rand (imiliyoni $1.2), ku bijanye n'urubanza rwa Zuma.

Uwo mukuru w'igihugu wa kera yatanze imihoho mu kwezi guheze aremerewe - akurikiranwa ku mitahe 18 y'ibiturire bituruka kw'igura ry'ibigwanisho vy'igihugu mu mpera y'imyaka yo mu za 90.

Ivyo vyaha vyari vyarafuswe mu 2009 imbere yuko aba umukuru w'igihugu, ariko bivyugwa vuba n'ikigo nshingwamanza c'igihugu "National Prosecuting Authority".

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi iriko yitegura kuja muri sentare guhagarikisha ingingo y'ubutegetsi, ijanye nuko leta ibandanya irihira umukuru w'igihugu wa kera amahera y'urubanza.

Ibindi bisa n’ibi