Abantu 15 bapfiriye mu gitero ca bombe i Mogadishu

Mogadishu irakunze kwibasigwa n'ibitero biturutse ku bibombe vyatezwe mu miduga Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mogadishu irakunze kwibasigwa n'ibitero biturutse ku bibombe vyatezwe mu miduga

Niburiburi abantu 15 nibo bamaze gupfa abandi benshi barakomereka inyuma yaho imodoka itwaye ikibombe iturikiye mw'ibarabara ricako abantu benshi i Mogadishu ejo, nkuko amakuru yo muri ico gihugu avuga.

Abagwanyi b'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabaab wavuze ko ariwo wagavye ico gitero.

Umuntu yabonye ico gitero kiba yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ico giturika kinini caturutse ku modoka itwaye ibombe yari iruhande y'inzu y'akavunamusase kw'ihoteli Wehliye.

Uwundi yabibonye, Mohamednur Abdirahman, yavuze ko: "Benshi mu bapfuye ari abantu bariko baranywa icayi".

Ico gitero ca nyuma mu bitero vyinshi vya bombe bimaze iminsi bigabwa ku mugwa mukuru muri ino minsi ya vuva, ni ikimenyetso ko umwumvikano muke uri muri leta, utuma ikibazo c'umutekano cunyuka.