Igisagara caminuje mu gushurashuza abagore ku nguvu muri Norvège

Nina Iversen ari mu bagore bafashwe ku nguvu. Yaragerageza kuvuga ivyamushikiye ariko nta wamwumviriza
Image caption Nina Iversen ari mu bagore bafashwe ku nguvu. Yaragerageza kuvuga ivyamushikiye ariko nta wamwumviriza

Muri ico gisagara abagore barimwo n'abana, bashurashujwe ku nguvu incuro 151.

Ico gitigiri gitangwa n'ubutegetsi bwa Norvège, bukanavuga ko abantu 2000 aribo baba i Tysfjord, mu buraruko bwa Cercle Arctique.

Ivyo vyaha bikozwe mu myaka mirongo hagati y'i 1950 no mu 2017, ariko bikaba bimenyekanye vuba.

Bishoboka gute ngw'ivyo vyaha bishingiye ku gitsina ntibibe vyaramenyekanye mbere?

Nina Iversen yifata nk'umuntu akunda kuvuga kandi yaravuze kenshi ivyamushikiye i Tysfjord, aho yakuriye.

"Namye ndabivuga igihe nari mfise imyaka 14. Navuga nti: "Nzokwandika igitabo kuri aya mabi, ndayahagarike". Ariko ntavyo nashobora."

Akiri umuyabaga, we na bagenziwe barabwirana ivyo bakoregwa, ariko abakuze ntibabumviriza.

"Batwita imaraya n'ababeshi, benshi muri twebwe twarabacirako amate igihe tubibabwira," nkuko avyibuka.

Iversen yashurashujwe ku nguvu n'abo mu muryango wiwe, bisigura ko akiri muto yagumye aba mu cuka c'iterabwoba.

Muri kino gihe afise imyaka 49, kandi ntakiba i Tysfjord, ariko ngo yumva adatekaniwe.

Image caption Ikarata yerekana ahari igisagara ca Tysfjord

Igisagara gicitsemwo kubiri

Tysfjord igizwe n'uduce tubiri Drag na Kjopsvik, duhura hakoreshejwe ubwato.

Igice c'abantu bahaba n'abo mu bwoko bw'aba Sami, abasokuru n'abasokuruza babo bavuye kera mu bihugu vya Scandinavia, muri kino gihe bakaba bageze mu bihugu vya Norvège, Suède, Finlande na Russie.

Mu bakorewe amabi (83) n'abayakoze (92) aba Sami ni bibiri vya gatatu, nkuko vyatohojwe n'igipolisi.

Kugira ngo ibintu birinde bishika aho ngo vyaragiyemwo amacakubiri n'ikumigwa.

Mu 2005, Nina Iversen yaramaze kuvyara. Atewe amakenga n'abana biwe ku bibarindiriye, yagiye kwitura ikigo gikingira abana.

"Navyiganiye bose," niko avuga.

"Ariko kugira ngo bagutege amatwi, utegerezwa kuba uzwi, nka jewe mva mu muryango w'aboro, nta muntu numwe yanyitaho."

Image caption Ivyapa biri mu ndimi zose mu gi Sami no mu ki Norvegeois

Nti yari wenyene

Iversen ntiyari wenyene ashaka ko ubutegetsi bumenya ibiba.

Mu 2007, abavyeyi b'umwana w'umu Sami yashurashujwe ku nguvu barandikiye ikete umushikiranganji wa mbere bamusaba ngo abafashe.

Iryo kete ryarashitse no mu bigo vy'itangazamakuru, abantu bizera ko hagiye kuboneka inyishu.

Ico gihe, Anna Kuoljok wo mw'isengero rya Norvège hamwe n'umugabo wiwe Ingar, umuhinga mu vy'amategeko, bose b'aba Sami bari bavuganye n'imiryango y'abana 20 bakorewe amabi.

Uwo mugabo n'umugore baravuze amabi akogwa mu nama yari yatumiwemwo abanyepolitike, abo mu gisata c'ubuvuzi hamwe n'abo mu butegetsi.

"Bavuze ko ivyo bidashoboka, ko ayo mabi yokorewe benshi kurusha ivyo babwiwe", niko Anna avyiyibutsa.

"Bibajije ngo turabesha."

"Bumva badashaka kwumviriza inkuru nka mwenizo," niko Ingar avuga.

"Ntibabona ingene bobikika."

Image caption Anna na Ingar Kuoljok, imbere y'isengero ry'aba Sami aho bafashiriza abakorewe amabi

"Umukuru w'igisagara ca Tysfjord, Tor Asgeir Johansen, nawe nyene aribuka izo nama, ariko we asigura ukundi ku vyagenze nabi.

"Ntibabitegereye kuko ata bantu babaharuye", niko avuga ku bijanye n'abakorewe amabi.

"Abanyagihugu si igipolisi, ntidushobora kwinjira mu nzu z'abanyagihugu, abantu bakwiye kuza gusaba ko bafashwa."

Muri Tysfjord abantu benshi ntibipfuza kubigenza ukwo.

Mu bihe vyinshi aba Sami usanga batizera igipolisi n'ubutegetsi.

Ico gihe nyene, Nina Iversen yaragerageje kwigana ivyamushikiye ariko ntawamuteze ugutwi.

Image caption Umukuru w'igisagara ca Tysfjord, Tor Asgeir Johansen, avuga ko abanyagihugu batigera basaba gufashwa

Ukwicamwo imice bishingiye ku moko vyunyuwe n'akarere hamwe na politike.

Ikigwati ca Drag, kiri mu burengero kigwiriyemwo aba Sami, mu gihe benshi mu bari mu butegetsi bwa Norvège baba mu kigwati ca Kjopsvik, mu burengero.

Ayo makuru y'abafatwa ku nguvu yari gushobora kumara n'imyaka cumi, kugira ngo ashobore kuja mu bimenyeshamakuru.

Amaze kwihebura, Nina Iversen yanditse amazina ku bijanye n'ingeso yo gushurashuza ku nguvu, ayashira kuri Facebook avuga ko igisagara ca 'TYSFJORD' gishavuye.

Mu kwezi kwa gatandatu mu 2016, ikinyamakuru c'igihugu Verdens Gang carasohoye inkuru ku bijanye no gushurashuza ku nguvu mu gisagara ca Tysfjord, hisunzwe intahe y'abagore n'abagabo 11 bakorewe amabi.

Ico gihe umukuru w'igipolisi ca komine ya Nordland, Tone Vangen yari muhira iwe kuri uwo wa gatandatu igihe amenye ayo makuru.

"Bino bintu birakomeye, dukwiye kubishira mu vyihuta, kugira ngo ntihagire abandi bafatwa ku nguvu muri Tysfjord."

Vangen yaciye asaba abo bose bakorewe amabi naho hoba ari kera cane, kwishikana bagashinga intahe.

Image caption Nkuko umupolisi Aslak Finvik yabishikirije, ngo vyari bigoye ku bantu bo mu bwoko bw'aba Sami kwizera ubutegetsi

Umupolisi Aslak Finvik yabanje abonana n'abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Sami, baracudika kugira ngo bamwizere, bashobore kumwiganira ivyabashikiye.

"Vyari bigoye," niko yiyibutsa. "Hari ibintu vyinshi igipolisi kitari kizi: isano ryo mu miryango, idini...hanyuma mu mico y'aba Sami harimwo ibijanye no kwemera ko umuntu ashobora kugukiza akwihweje."

"Bumva badashaka kuvuga ivyabashikiye kuko muri Norvège nta muntu yashobora kubitegera, ariko vyaragiriye akamaro aba Sami igihe tubikoze".

Umuntu wa mbere yarashoboye gufatwa ku bijanye n'ayo mabi yakoregwa mu gisagara ca Tysfjord: umugabo yashurashuje ku nguvu abagore, ababwira ko afise ububasha bwo kwirukana amashetani. Yakatiwe igipfungo c'imyaka itanu n'inusu.

MU 2016 abakoreye amabi Nina Iversen, barapfuye ntiyashobora kwuzurizwa n'ubutungane nkuko yavyipfuza.

Ariko yanezerejwe n'ingene yakoranye n'igipolisi, agashikana imbere amabi yakozwe.

Inyuma yaho iyo nkuru itangarijwe, abantu 40 bakorewe amabi bahavuye baja kuraba muganga Fred Andersen. Umuto yarafise imyaka 10, uwukuze cane 80.

Image caption Inkuru yashizwe mw'itangazamakuru mu 2016 yatumye amabi yakorewe abanyagihugu imyaka n'iyindi amenyekana.

"Dutegerezwa kubashigikira ku bijanye n'ivy'ubuvuzi hamwe no ku ngorane zo mu mutwe," niko avuga.

"Ni ingorane ikomeye cane, abakiri bato bazoshobora kubandanya babaho basubire kugira inguvu kandi biyumvemwo agateka, ariko abakuze bari mu myaka ya 50 na 60 badafise akazi n'izo ngorane zo mu mutwe, bazomeregwa nabi."

Ikibazo benshi bibaza ni ukuntu abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Sami, aribo bavugwa cane muri iyo nkuru yo gushurashuzwa ku nguvu.

Abantu barenga 1000 barimwo abakorewe amabi, ivyabona n'abakoze ayo mabi nibo basambishijwe n'igipolisi gikora amatohoza.

Ku madosiye 151 yatohojweko i Tysfjord, make niyo azoja muri sentare, kubera ko igihe ntarengwa co kwitwara carenze.

Bisigura ko bamwe mu bakoze amabi n'abayakorewe bari kumwe mu kibano.

Hari abantu bagenywe gukurikirana abo bantu bakorewe amabi, no kugenzura ngo ntasubire gukorwa.

Aslak Finvik akurikirana abo bagabo n'abagore.

"Kubo twavuganye bose baba aba Samis canke abanye Norvège, tubabwira ico tubaziko, tubasaba kutaja kuvugisha abagize ivyago, ko babikoze tuzobashikiriza ubutungane," niko agabisha.

Aba Sami bo muri Norvège

Hafi aba Sami 60000 nibo baba mu gihugu ca Norvège.

Aba Sami benshi baje kuba i Tysfjord hagati y'imyaka y'i 1960 n'i 1970.

Ico gihe leta yashatse gufata aba Sami nk'abandi banyagihugu nko mu vy'indero, aho abana bigishwa kuvuga iki Norvégien gusa.

Abantu bafise amazina y'iki Norvégien canke bavuga iki Norvégien nibo barekuriwe kugura amazu canke amatongo.

Guhuza bose

I Tysfjord, bisa naho umwumwe wese azi abavugwa ku bijanye n'ayo mabi: uwayarokotsemwo canke uwayakoze.

Anna Kuoljok ari mu barongoye isengero "Norwegian Church" akunze guhuza abanyagihugu mw'isengero y'aba Sami y'i Drag.

Image caption I Tysfjord, umwumwe wese arazi abagize ingorane ziturutse kuri ayo mabi

"Turavugana ingene twokika izo ngorane, kuko hari benshi babaye kandi bafise n'ishavu," niko avuga.

Gukumira abakoze ayo mabi ntawobishigikira.

Mu mico y'aba Sami, ukwemera kwabo gushingiye ku Imana, abanyagihugu, ibikoko hamwe no ku bikikije isi.

"Dutegerezwa kuraba ingene tubana, kuko umwumwe wese ari muri ubwo buzima," niko avuga.

Buhoro buhoro, umwumvikano uriko uragaruka i Tysfjord.

Hari n'ivyigwa vy'ikarishabwenge bitangwa ku bijanye no gukingira abana, kwiyunga no kwihangana.

Image caption Ababaye ni benshi co kimwe n'abashavuye, tugerageza kubahuza, niko Anna Kuoljok avuga

Muri kino gihe, aba Sami hamwe n'abanye Norvège baraja hamwe mu birori, nk'igiteramo c'umuziki hamwe n'imico y'aba Sami giherutse guhuza abantu 700 mu ntango za kuno kwezi.

N'umukuru w'igisagara yarabonye ko hari icahindutse.

"Muri rusangi, abantu urabona ko bakundana, bakitwararikana kurusha mbere," niko avuga.

Uwatumye ayo mabi ashika imbere Nina Iversen arashima ivyo yakoze.

"Uno munsi ndashobora kuvuga ko ntewe iteka nivyo twakoze, muri kino gihe barumviriza, turaja ahantu abantu bakemera ivyo tubabwiye."

Ibindi bisa n’ibi