Ubwiyunge n'amahoro ngo bigeramiwe muri Tanzaniya

Abasenyeri b'ishengero rya Luther ryo mu gihugu ca Tanzaniya baridogera ubutegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasenyeri b'ishengero rya Luther ryo mu gihugu ca Tanzaniya baridogera ubutegetsi

Abanyamadini baragabisha bavuga ko ubwiyunge hamwe n'amahoro bigeramiwe mu gihugu ca Tanzaniya.

Mw'itangazo ryasohowe n'inama y'abasenyeri b'ishengero rya Luther ryo mu gihugu ca Tanzaniya, baranegura ubutegetsi, bakabwiyamiriza u bijanye n'abantu bamaze iminsi banyuruzwa, ibitero ku ndongozi hamwe n'itoteza rikogwa ku batavuga rumwe n'ubutegetsi igihe c'imyiyerekano.

Leta yarugaye amaradiyo amwamwe mu mezi ya vuba; abo basenyeri bakagabisha bavuga k'uburenganzira bwo gushobora guserura iciyumviro bubangamiwe.

Mu kwezi kwa 12, leta yavuga ko ishobora gufatira ingingo amashirahamwe y'abemera Imana baja mu vya politike.