Grace Mugabe akurikiranwa ku menyo y'inzovu

Imbere yuko Robert Mugabe akugwa, Grace yakora ukwashoboye kwose ngo amusubirire Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imbere yuko Robert Mugabe akugwa, Grace yakora ukwashoboye kwose ngo amusubirire

Igipolisi ca Zimbabwe cemeje ko kiriko kiratohoza ku makuru caronse avuga ko Grace, umugore w'uwahoze ari umukuru w'igihugu, Mugabe, ari mu bagurisha mu kinyegero amasenge y'inzovu.

Ikinyamakuru c'igihugu cavuze ko ikigo kigenzura ibikoko vyo mw'ishamba kimaze kumenya ko Madamu Mugabe yagurishirije hanze bidaciye mu mategeko amenyo y'inzovu, ku mahera aharugwa mu mamiliyoni y'amadolari, mu Bushinwa, muri Emirats Arabes Unis no muri Amerika.

Umuvugizi w'igipolisi yabwiye ikinyamakuru ca Zimbabwe Sunday Mail, ko amatohoza yatanguye kuri Grace Mugabe.

Uwurongoye ikirindiro c'ibikoko "National Parks agency" yavuze ko yaronse akamo ka telefone kavuye ku kirimba c'umukuru w'igihugu mu mwaka uheze, kamusaba gutanga uruhusha ngo amenyo y'inzovu ashobore kuja kugurishirizwa mu Bushinwa.

Umufotozi w'ibikoko vyo mw'ishamba aturuka muri Australia, Adrian Steirn, yavuze ko yasanze hari umugwi ukorana n'uwahora ari umukenyezi wa mbere mu gihugu, amaze amezi akorera mu kinyegero muri Zimbabwe.

Madamu Mugabe ntaco arashikiriza kuri ivyo birego.

Ibindi bisa n’ibi