Imyiyerekano i Kemerovo nyuma y'umuriro wishe abana 41

Abanyagihugu b'i Kemerovo mu myiyerekano kubera umuriro itariki 27/03/2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abari mu myiyerekano basaba kumenya icateje umuriro wabatwaye ababo

Habaye imyiyerekano mu muji wa Kemerovo mu ntara ya Serbiya mu Burusiya, nyuma y'aho umuriro mu kibanza c'ubudandaji ca kijambere, uhitaniye abantu 64 harimwo abana mirongo ine n'umwe.

Abari mu myiyerekano basaba kumenyeshwa uko vyagenze kugira uwo muriro waduke muri ico kubanza ku munsi wa Mungu.

Bagiriza abajejwe intwaro kuba barya igiturire, bakanavuga ko batemera igitigiri c'abaguye muri uwo muriro gitangwa n'ubutegetsi.

Bamwe mu bari mu myiyerekano banavuze ko umukuru w'igihugu Putin yari akwiye gutanga imihoho.

Bwana Putin yagendeye ako karere, akaba yavuze ko ivyabaye ari ubugizi bwa nabi bujanye no gufata ibintu minenerwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin (agira kabiri uvuye iburyo), yagendeye Kemerovo avuga ko ivyabaye ari ubugizi bwa nabi butewe no gufata ibintu minenerwe

Yaseye n'uwuvuga ko impapuro zemeza ko umutekano w'ico kibanza wari ukwiye, zatanzwe biciye mu giturire.

Benshi mu baba muri ako karere bemeza ko abantu amajana bashobora kuba ari bo bahasize ubuzima.

Abantu batanu nibo bamaze gufatwa mu bijanye n'uwo muriro, harimwo abayobozi bane b'ico kibanza hamwe n'uwucungera umutekano bivugwa ko yazimije ivyuma biburira abantu ko umuriro wadutse.

Ibindi bisa n’ibi