Kidum avuga ko hari abashatse kumuroga ari mu Burundi

Umuririmvyi Jean Pierre Nimbona azwi cane nka Kidum Uwufise ububasha kw’isanamu Urubuga facebook rwa Kidum
Image caption Jean Pierre Nimbona (Kidum) avuga ko azi aho yariye uburozi

Umuririmvi w'Umurundi rurangiranwa mu karere ka Afrika y'ubuseruko, Jean Pierre Nimbona, azwi cane kw'izina rya Kidum, yabwiye BBC ko hari abashatse kumuroga ejo mu Burundi.

Kidum yari mu Burundi aho mu mpera z'indwi iheze yari yaremesheje igiteramo c'umuziki aririmbira abanyeshure mu rwego rw'ishirahamwe ry'ibihugu bikoresha igifaransa, Francophonie.

Ejo kuwa mbere yategerezwa gusubira muri Kenya aho asanzwe aba kandi anategurira umuziki, ariko abajejwe ikompanyi y'indege ya Kenya Airways bamusubiza inyuma kuko yari aremvye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Urubuga facebook rwa Kidum
Image caption Kidum mu bitaro i Bujumbura

Kidum avuga ko yaciye asubira kwa muganga aca yinjizwa ibitaro, akaba yemereye BBC ko abaganga bemeje ko yatamiye amarozi.

Avuga kandi ko aho yoba yaraririye ayo marozi ahazi, ariko ko adashobora kuhavuga mu bitangazamakuru ngo ni igikorwa c'abajejwe umutekano.

Kidum yatanguye gutangaza ayo makuru ejo ku rubuga hwaniro rwiwe rwa facebook, abandanya gutangaza uko amerewe uno munsi wose.

Umviriza ngaha ikiganiro Kidum yahaye BBC

Ibindi bisa n’ibi