Abanyagihugu ba Botswana batekereye utuganuke tw'umwihariko Prezida Ian Khama akinjuye

Umukuru w'igihugu ca Botswana Ian Khama yatekerewe utuganuke tutamenyerewe gutangwa mu rugendo amazemwo iminsi, asezera abanyagihugu biturutse nuko ikiringo ciwe carangiye.
Ivyo binyamakuru bivuga ko gushika ubu, Bwana Khama amaze guhabwa "imodoka zitatu z'amahera angana na $300000, ikinga rya $6000, inka zirenga 1000, inkoko zirenga 500 hamwe n'impene 200".
Ayo makuru avuga ko inama nshinkiranganji ya Botswana yahaye Prezida Khama inkoho yo mu bwoko bwa "pistolet", itongo rinini ririmwo iyororero, imodoka yo kurima "tracteur" hamwe n'amahera.
Bivugwa ko bamwe mu bo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi bamuhaye imitahe mu bigo bikomeye vy'itumanako vyo muri Botswana.
Prezida Khama azokinjura ku munsi wa Gatandatu, amaze imyaka 10 ku butegetsi.