Amerika igiye gusuzuma imbuga hwaniro imbere yo gutanga "visa"

Uwo mugambi ni waramuka wemewe uzokora ku bantu imiliyoni 14.7 ku mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwo mugambi ni waramuka wemewe uzokora ku bantu imiliyoni 14.7 ku mwaka

Ubutegetsi burongowe na Trump bwavuze ko bwipfuza kuza burasesengura ibiri ku mbugahwaniro vy'uwurondera visa yo kwinjira muri Amerika.

Ku bw'uwo mugambi wavuye mu bushikiranganji bw'imigenderanire, bitegekanijwe ko abazoba barondera uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu "visa" batanga ibikenewe bishoboza kwinjira ku mbuga zabo za Facebook na Twitter.

Bategerezwa kuzotanga ivyangombwa bituma binjira kuri izo mbuga hwaniro, mu myaka itanu izoba irangiye.

Abantu bagera ku miliyoni 14.7 ku mwaka nibo bashobora gukogwako n'iyo ngingo nshasha.

Ayo makuru azofasha kugosora abarondera kwimukira muri Amerika, hamwe n'abandi bose barondera "visa".

Abarondera "visa" bazosabwa gutanga nomero za telefone bakoresheje muri iyo myaka itanu, ivyangombwa bikenegwa mu kwandikiranira ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe n'ibihugu bamaze gutembereramwo.

Bazosabwa kuvuga ko bamaze kwirukanwa mu gihugu icarico cose, canke ko hari incuti yoba yaragiye mu bikogwa vy'iterabwoba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Uwo mugambi ugiye gukomerera abanyagihugu bava mu bihugu bikenera visa mu kuja muri Amerika

Uwo mugambi ntuzofata abanyagihugu ibihugu vyabo bidakenera visa mu kuja muri Amerika nk'Ubwongereza, Canada, Ubufaransa n'Ubudagi.