Igitero ku basirikare ba Amisom muri Somalia

Abasirikare b'igihugu ca Uganda
Image caption Abasirikare b'igihugu ca Uganda

Abagwanyi b'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al Shabaab bateye ikirindiro c'abasirikare b'Umuryango wa Afrika, Amisom mu gihugu ca Somalia.

Abo bagwanyi ngo baturikije imodoka zibiri zirimwo ibibombe iruhande y'ikirindiro mu gisagara ca Bulamarer, mu bumanuko bushira uburengero bwa Mogadishu.

Abanyagihugu baba muri ako karere bavuze ko bumvise urwamo rw'amasasu, igihe iyo migwi ibiri irasana ku kiringo c'amasaha atatu.

Umuvugizi wa Al Shabaab yavuze ko abagwanyi 14 ba Al Shabaab hamwe n'abasirikare 59 ba Amisom bapfiriye muri iyo ngwano.

Ntibirashoboka ko umuntu ahinyuza ayo makuru ariko umumenyeshamakuru wa BBC w'i Mogadishio yavuze ko ico gitero cagabwe ku kirindiro c'abasirikare ba Uganda mu gitondo.

Abagwanyi ba Al Shabaab baramaze gutakaza uturere twinshi bagenzura, munyuma bakaba baciye batangura kugaba ibitero mu guturitsa ibibombe no gutera ku birindiro vy'abasirikare ba Amisom.

Ibindi bisa n’ibi